Accueil > Ibidukikije > Inguvu zirakwiye kuja hamwe mu gukingira ibidukikije mu burundi
 Inguvu zirakwiye kuja hamwe mu gukingira ibidukikije mu burundi
 Inguvu zirakwiye kuja hamwe mu gukingira ibidukikije mu burundi
				
				vendredi 30 Myandagaro 2013
Mu gihugu c’Uburundi ibidukikije birageramiwe ku buryo hakenewe ingoga nyishi kugira ibintu bihinduke. Kugira ivyo bishikweko, ingendo zirakiwye guhinduka mu bajejwe intwaro kugira dukingire ibidukikije.
Ivyo vyavuye mu vyashikirijwe mu ruganda rwo kurwanya ubugaragwa mu Burundi.
Mu gihe yariko arashikiriza icirwa ku ngorane zijanye n’ibidukikije mu Burundi, umukuru wa FCBN urunani ataho rwegamiye mu vya politike, mu Burundi ku ruzi Nil Dieudonné Hakizimana yamenyesheje ko ingorane zerekeye  ibidukikije mu Burundi ari nyishi cane,  hariho izijanye n’ukwonona amashamba. Yatanze akarorero k’ ishamba cimeza ryo mu Kibira ryafashwe nabi. Ayo mashamba akaba yononekera ahanini bitumwe n’ubwinshi bw ‘abantu, baba mu micungararo biyongereye bagaca baguma bakoresha ibiti.
Harimwo kandi n’ingorane y ‘uko bicira ibiti vy’ayo mashamba mu ntumbero yo kubigurisha, kugurisha amakara, gucura ibiti hamwe n’intwaro mbi ijanye no ku bikingira. Iyindi ngorane ijanye n’ugutituka kw’isi ndimwa ijanye no gukingira isi inkukura hamwe no gukingira ibiterwa. Umushingantahe Hakizimana akaba amenyesha kandi ko yaba ibidukikije vyo mu mazi canke ibiba kw’isi navyo nyene bigeramiwe. Ikindi gituma ibidukikije bitituka harimwo kwimba ubutare bidaciye mu mategeko.
Mu bituma ibidukikije bitituka rero, hari Inkwirikizi z’ikirere cahindutse ni ukuvuga inzara ica itera mu gihugu, haca hanaduka indwara z’ibiza. Mu kugira umuntu yirinde izo ngorane, Hakizimana yasavye ko hageze ko bahindura ingendo mu vyerekeye amategeko yo gukinga ibidukikije. Kuri ubwo, birakenewe cane ko ababijejwe bose ni ukuvuga leta, abataho begamiye mu vya politike hamwe n’abanyagihugu bakorera hamwe kugira barengere iyo ngorane. Abakunzi b ‘abarundi hamwe n’abafasha barahamagarirwa guhagarara cane mu gukingira ibidukikije mu ntumbero yo gushigikira iterambere mu migambi yabo basanzwe bakora.
Floxella Karire
