IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Insiguro zitangwa zijanye n’ikena ry’igitoro zirangwamwo ibihushane (...)

Insiguro zitangwa zijanye n’ikena ry’igitoro zirangwamwo ibihushane vyinshi

mercredi 15 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Insiguro zitangwa n’abategetsi batandukanye hamwe n’amashirahamwe asanzwe arangura igitoro, ziguma zihindagurika, mbere zikaba zirimwo ibihushane vyinshi, hagati aho igitoro kikabandanya kuba umuzi w’ibuye.

Haraheze indwi zibiri zirenga, igitoro cakenye bidasanzwe yaba mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu zindi ntara zo mu gihugu hagati. Ku munsi wa gatanu w’impera z’ino ndwi irangiye, mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’ubudandaji, bamenyesheje ko igitoro cabuze bitumwe n’uturuhuko twa pasika twabaye tureture, bakaba bari bijeje abarundi ko guhera ku munsi wa mbere, igenekerezo rya 13 Ndamukiza, igitoro kizoba casubiye kuboneka.

Kuri uno wa kabiri naho, amashirahamwe akomakomeye yo mu Burundi asanzwe arangura igitoro nka Interpetrol, Engen, Kobil, yatangaje ko bagize ingorane z’amafaranga y’agaciro. Ariko bakaba bijeje abarundi ko igitoro kigiye kuboneka mu mpera z’ino ndwi turimwo. Mbere bakaba bashikirije ko Reta imaze kubaha amafaranga y’agaciro, ko bamaze no kuriha amwe amwe mu birarane bari bafitiye abo basanzwe bakirangurako.

Mw’ibanki nkuru y’igihugu, mu ndwi yahera, naho bavuze ko batumva ingene igitoro kibura, kandi hari amaritiro agera ku miriyoni mirongo itandatu n’atatu, yoba yarinjiye mu gihugu, mbere bakaba bamenyesheje ko ata ngorane y’amafaranga y’agaciro ihari, nk’uko vyashikirijwe na Ciza Yohani umukuru w’iyo banki. Mukibuka ko abashikiranganji babiri, uw’ubudandaji hamwe n’uw’ikigega ca Reta bagiye bashikiriza imvugo zidasa ku vyatumye igitoro kibura.

JPEG - 33.2 ko
Yohani Ciza arongoye ibanki nkuru y’igihugu BRB

Kuri uno wa gatatu naho, mu kigo gitoza amakori n’amatagisi OBR, bijeje abarundi ko igitoro kigiye kuboneka. Umuyobozi mukuru w’ico kigo, Domisiyano Ndihokubwayo amenyesha ko hari igitoro kitari gike kiri ku kivuko ca Dar Es Salaam, kikaba cari cabuze, bitumwe n’ingorane y’amamashini mu kigo gitoza amakori, aho mu gihugu ca Tanzaniya. Muri OBR bakaba bari bamaze kuvugana na bagenzi babo b’aho Tanzaniya kugira bashobore kubafasha gukura mu nzira ico kibazo.

JPEG - 61.9 ko
Domisiyano Ndihokubwayo arongoye OBR

Ku vyerekeye naho ivyashikirijwe n’umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu Ciza Yohani ko hoba hari amaritiro arenga imiriyoni 63 yinjiye mu Burundi, umuyobozi mukuru wa OBR asigura ko muri BRB boba bafashe ivyo biharuro barabiye kuri kimwe bita "Licences d’importations" bafise, bakandika ko igitoro caje kandi kigihagaze muri Tanzaniya.

Tubibutse ko amashirahamwe yishinze kurwanya ubuzima buzimvye yari yasavye Reta ko yogabanya ico gitoro ikagishira ku mafaranga 1700 kw’iritiro kuko no kw’isoko mpuzamakungu cagabanutse. Mbere iryo kena ry’igitoro rikaba riri mu vyatumye abanyagihugu bahagarika imirimo mu gihugu cose kuwa 5 Ntwarante. Ariko kuva ico gihe, igitoro kikaba caciye kigenda gisa n’igikena bihebuje.


Floxella karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.