IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Intwazangabo yagirizwa urupfu rwa Général KARARUZA ipfungiwe mw’igendereza

Intwazangabo yagirizwa urupfu rwa Général KARARUZA ipfungiwe mw’igendereza

dimanche 1er Rusama 2016, par egide

Major Gahungu, intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi, apfungiwe mw’igendereza ry’Uburundi, akaba yagirizwa urupfu rwa Général Athanase KARARUZA aheruka kundagurirwa hamwe n’umugore n’umwana biwe.

Iyo ntwazangabo yafashwe ikurikiye abandi basirikare bane bo kw’ipete rya Caporal bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, nabo nyene bagirizwa urwo rupfu rwa Général Athanase KARARUZA. Abo bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba ni Caporal Chef NIKOYAGIZE Prosper, Caporal Chef BIBONIMANA Léonidas, Caporal Chef GATERETSE Roger hamwe na Caporal NDUWIMANA Viateur.

Mw’itangazo umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, Valentin BAGORIKUNDA yasohoye kuri uwu wa kane, yamenyesheje ko amatohoza abandanya kugira abakoze ubwo bwicanyi, hamwe n’ababuteguye batabwe muri yompi.

Général Athanase KARARUZA n’umuryango wiwe bagandaguriwe hamwe, bashinguwe kuri uwu wa gatandatu, mw’itongo ry’abapfuye ryo ku Mpanda, inyuma y’imisa y’ukumuhereza Imana yabereye kw’isengero riri kw’ishure ryitiriwe Mutima Mweranda mu Gihosha.

Tubibutse ko kuri uwu wa mbere, inyuma y’urupfu rwa Général KARARUZA Athanase, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yatanze ikiringo c’indwi imwe gusa kugira inzego z’umutekano zizobe zafashe kandi zashikirije ubutungane abagandaguye iyo ntwazangabo y’igisirikare c’Uburundi.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ati : « Turasaba dushimitse, twicishije bugufi, ko Imana yotuja imbere, kugira abakoze ako kabi kabishe batabwe muri yompi, bongere bahanwe mu maguru masha, hakurikijwe amategeko. Dusavye inzego z’umutekano ko mu kiringo kitarenze indwi imwe gusa abo babisha boba bamenyekanye, bafatwe kandi barengutswe imbere y’ubutungane. »


IGIHE

Messages

  • Noneko Batamuhamvye Kukirimba Caba d d ? Bisigurako Atacoyabamariye Dariyusi Niwe Ariyaramenyekanye Nkinzira Izakunya !

  • IYOMBURAKIGOGWE ABOBASODA NIBA ARIBOKOKO NUWO MUMAJORO NAREBE AYOMASANDUGU HAMA YIHINYICHU NIBUBAKE IGIHUGU BAREKE KUGISANBURA MBEKWICANA NIYO NYICHU KANDI UBUTUNGANGANE NIBUKORE NAKAMARAMAZA UWOYABIKOZE NAREBE AKOKANAYICHE IYOMBURAKIGOGWE BASIKARE NIMUHANURANE NUKURI EKANAMWE EREGA NIMWEMUZOMARANA TWEBWE ABANYAGIHUGU NTIMUZE MUTUZANE MWIYOGWARA IMANA YIKIRE IZONZIRAKARENGANE RETANIKORE NUBUCAMANZA KANDI BAJEHAMWE BATORERE IBINDI BIHANO KUKO BIRARENZE

  • IYOMBURAKIGOGWE ABOBASODA NIBA ARIBOKOKO NUWO MUMAJORO NAREBE AYOMASANDUGU HAMA YIHINYICHU NIBUBAKE IGIHUGU BAREKE KUGISANBURA MBEKWICANA NIYO NYICHU KANDI UBUTUNGANGANE NIBUKORE NAKAMARAMAZA UWOYABIKOZE NAREBE AKOKANAYICHE IYOMBURAKIGOGWE BASIKARE NIMUHANURANE NUKURI EKANAMWE EREGA NIMWEMUZOMARANA TWEBWE ABANYAGIHUGU NTIMUZE MUTUZANE MWIYOGWARA IMANA YIKIRE IZONZIRAKARENGANE RETANIKORE NUBUCAMANZA KANDI BAJEHAMWE BATORERE IBINDI BIHANO KUKO BIRARENZE

  • Nimunigane Mwashaka Mumarane Ababipfa Nibobabisangiye(kabavamwo)

  • Imana ibakire mu bwami bwo.natwe dukundane nkuko kristu yadukunze

  • Imana ibakire mu bwami bwayo.natwe dukundane nkuko kristu yadukunze

  • komudafatankurumbiwewetwarabahinyuye mucamuraba umututsimugapfunga biranzwi

  • mana koribitangaza ugaragaze abobabisha bihayumutima wubukoko mugabamenyeko nabobazopfa ndetse nicobashaka batagishitseko

  • ahaaaa!Ego cane nivyiza kuko vyaribitanguye kuntera amakenga,ugufatwa kwaba kapurale gusa,murazinamwe comendement uko imeze kapurale numusoda muto cane ,rero kohafashwe uyu major birandyoheye kuko azovuga nabandi barikumwe.Hama muzogume mutubwira gishasha kwiyi dosiye niharambe ikinyamakuru IGIHE

  • ahaaaa!Ego cane nivyiza kuko vyaribitanguye kuntera amakenga,ugufatwa kwaba kapurale gusa,murazinamwe comendement uko imeze kapurale numusoda muto cane ,rero kohafashwe uyu major birandyoheye kuko azovuga nabandi barikumwe.Hama muzogume mutubwira gishasha kwiyi dosiye niharambe ikinyamakuru IGIHE

  • IMANA IMWAKIR NIMBA YARAYIKOREY ABAMUGANDAGUY NIBAHANW ATAKUBABABARIRA NINKOZI ZIKIBI KWICA ABOBATAREMY!

  • Icombona Nukoa Abarundi Twomenya Koturibene Mugabumwe Kanditwihane Tuzokwicanakugezaryari Gezaho

  • Icombona Nukoa Abarundi Twomenya Koturibene Mugabumwe Kanditwihane Tuzokwicanakugezaryari Gezaho

  • NIBAFATWE NI NABO BATUKISHA IGIHUGU CACU.

  • ABASODA BAKUNDA IGIHUGU CABO BAKICUNGERERA ABARUNDI ATAVYAMOKO,ABANYA POLITIKE NAHO BOMENANA AMASO BOTINDA BAGATEKEREZA KUKO BIPFUZA KO BABABERA IKIRARO CO GUSAMBURA IGIHUGU CABO!KANDI ARICO KIBAHEMBA!

  • Nibahanwe Kudahana Imbwa Kurwiza Imisega.

  • Warundi sasa semeni yatosha,mtoto huyo kaniumiza kweli ya wezekana angekua daktari angetibu warundi wote duh.....! Acheni yatosha sasa, kaeni sasa mmalize matatizo yenu; mkijithamini na mataifa mengine yatawathamini tunawaombea.

  • Nibahanwe Kudahana Imbwa Kurwiza Imisega.

  • Igikuru,sukubafata,ahubwo,nibatorere,umuti,ibibazo,vyu.Burundi!!Nayubundi,reta;izobura.Aho;ibapfungira!!Uwohora,imbwa,gusuta,zose,yozimara!!

  • ababanyamakuru izinkuru bazifangatiranije, zarinkuru2 zitandukanye..ntakundi ababahisi Imani ibakire, General tuzomwibikira kukwitanga atizinganya mugukingira inzego zatowe nabenegihugu kuko yaribuka nezacane ivyabaye93 igihe hatembagazwa intwaro ya NDADAYE hagaca hakwirikira umbwicanyi butagirizina. tuboneyeho gukeza inzogo zibishinzwe kutambwa bagezeko yoguhagarika uwuwese yagize uruharara muriburya bubisha, uwuzakwagirwa wese mumuhagarike kandi mumuhane bimwe vyakarorero......

  • mbega yemwe abandibo ntibazopfa ugira abay’uwambere muba général?yemweee....!!abapfa bo baracapfa.

  • Nimureke Inzirakarengane Zaragowe Ahomushaka Kumuzimanganya Ariko Mubikore Mumenya Yukimana Izobibabaza.

  • igitekerezo cyajye mwagikuyeho mwa ngegera mwe zabahutu athanase na daniella bazabasama

  • Kabisa Aba Ex Fab Turageramiwe Nibarekure Izonzira Karengane Tweturazi Kwaraba Dd Bamwishe Kuko Umukuru Wigihugu Yashaka Kumugira Ministre Abandi Ba Dd Ntibavye Mere Ivyo Turabizi Nibatwice Muga Ntibazo Tumara Kuko Imanga Ntimarir,imana

  • Aba exFab ntimugowe, ahubwo nimwe muriko muratuma babamara. Iyo mukamenya ko uyo Nkuru ariko arabakoresha hakiri kare mugaca mwiyungunganya mukaja hamwe mukunga urunani, ubu abo ba DD NTACO BARI GUSHIKAKO CANKE KUGIRA. None ehe raba uko abanyagihugu bagowe kubera mutiyungunganya ngo mukore résistance interne. Ubu aho ibintu bigeze biragoye cane. Sinzi uko muzobivamwo. il faut ko haboneka incungu akemera akaba indongozi y’abandi muri mwebwe aba ex-Fab, namwe ntimumuhemukire, mukamukurikira. N’ay’ahandi, nzoba mbona!!!!!

  • subizaho itegeko ryuwishe ko nawe akwiye gupfa kuko mutarisubijeho abarundi turicapfa hovyo kuko ababikora bavuga ngo naho bofatwa ngo baba bagiye kurya uceri mumpimba erega barahomvya reta kurya umutungo wigihugu batarima twebe abenegihugu tuguma tugaburira inkozi zikibi ahubwo inkozizikibi nimuze basi muzereka ibikorwa rusangi tureke kuzikunukira zibereye aho nico cobabera icirwa abashingamateka nibakorane vyihuta ba dushirireho ayo mategeko murabe ko mumisi mike ubugzi bwanabi butazogabanuka uwishe yicwa uburundi ntihari bwagere ko igihano cogupfa kivaho kuko abicanyi nibeshi ikikiyumviro nsavye reta ko yogikorerako yoba ihinduye ibintu sinzi gusa ko ivyo twandika ko bishikira abo vyega canke karuguta umwanya

  • mbeg ko bavug ngo amatohoza,ubw ntibabon ko mu gihugu har ingoran?vyiz botorer umut ibibaz bir mu gihugu ayo matohoz ya bur gihe twayarambiw pe!

  • mbeg ko bavug ngo amatohoza,ubw ntibabon ko mu gihugu har ingoran?vyiz botorer umut ibibaz bir mu gihugu ayo matohoz ya bur gihe twayarambiw pe!

  • birababaje kubona umusirikare yakoreye igihugu apfa nkimbwa kumwitura ubugome bumeze kuriya urugorwe murarukinze

  • NAshaka Mumpe Ibijanye Nafizzo Ukuntu Biri

  • Ijambo ry’Imana ngo ucishije inkota nawe azicishwa iyindi,kuku mutusubizaho itegeko ryokungwa?erega barijajaye?

  • jew mbona tworindira kuvyo nyakwubahwa umukuru wigihugu kwisango atanze.

  • Ndabaza,ko igihe Gen.Adolphe yicwa.Perezida Nkurunzi yavuze ngo:Leta itanze indwi imwe akoze iryo bara bazabe bamenyekanye.ko Ntaco Abarundi Barumva Kubijanye n’iryo tangazo ryiwe.Ubwo We Perezida Ntaruhare afise Mwigandagurwa rya Gen.Adolphe?

  • Igikwiye nukwihana ugapfira muri yesu kuko umugororotsi ntapfa arataha Mana tabara uburundi

  • Imana Yo Mw’ijuru Ntiyicaye!
    Abapfuye Ni Benshi Mu Burundi Kandi Ataco Bazira!
    Ariko Athanase Kararuza,umutambukanyi Wiwe N’umwana Wiwe,birababaje Cane!
    .
    Kunyiyumvo Mfise Ku Bijanye N’ukubura Umukunzi Wanje W’iteka Danielle Mpundu Kararuza,je Mbona Ko Mu Burundi Hari Bensh Bitwa Ko Bajejw Umutekano Kumbe Barasaze!
    None Nk Uwica Mugenzi Wiwe,har Ubusazi Busumba Ubwo!
    .
    .
    Danielle Mwiza,sinzokwibagira.
    Amaraso Yawe Azohuma Kuri Benshi!

  • NUKURI.GERAGEZAMURABEKOTWOMENYAB’AKOZEIBARA.MUZOBAMUKOZE

  • NUKURI.GERAGEZAMURABEKOTWOMENYAB’AKOZEIBARA.MUZOBAMUKOZE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.