IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Inyabwonko > Inyabwonko ngendanwa zoba zifise ingaruka mbi ku magara y’abantu

Inyabwonko ngendanwa zoba zifise ingaruka mbi ku magara y’abantu

vendredi 6 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Inyabwonko ngendanwa n’ubwo yorohereza akazi abenshi yoba ifise n’ingaruka zimwe zimwe ku magara y’abantu. Ari naco gituma umuntu yarakwiye kwiyubara uburyo ayikoresha.

Inyabwonko ngendanwa ishobora guteza indwara ku rukoba canke indwara y’umugongo. Kubera amamashini ngendanwa abaganga bamenyesha ko usanga ibitigiri vy’ico bita erythema ab igne vyiyongera, iyo nayo akaba ari indwara ituruka ku bushuhe bw’imashini ngendanwa. Aho rero usanga amatako yafashwe n’iyo ngorane iyo umuntu akoze areze imashini , ariko iyo ngorane ngo ntankwirikizi nyinshi ifise. Iyo ngorane yaraboneka kera ku bakozi wasanga bakorera ahantu begereye amamashini ashushe cane hari n’igihe bayita Dermite des chaufferettes.

Ikindi n’uko imashini ngendanwa ishobora gutera ingorane y’umugongo, kubera ko umuntu aba yicaye nabi. Mu gihe tuzi ko izo mashini ngendanwa umuntu ashobora kuyikoresha ahariho hose atari nka vyabi mashini bikoreshwa mu biro aho usanga utegerezwa kuyikoresha ufise imeza n’intebe, iyo umuntu ataravye neza ushobora gusanga yamugaye kuko uca ukora izosi rihetamye. Ari naco gituma abahinga bahanura ko umuntu yokora yicaye neza umugongo ugororotse. Ikindi n’uko bugingo aho bandikira kuri izo mashini ngendanwa usanga ari hato ico bita clavier bishobora gutuma imitsi yo mu kiganza ababara.

Mu gihe twumvise ko imashini ngendanwa itera ingorane z’umugongo iyo umuntu atayikoresheje yicaye neza agororotse, ikindi n’uko ishobora gutera ingorane umuntu ayitwara ku kuboko kumwe mu gihe amasakoshi menshi arayo umugozi umwe ,iciza n’uko umuntu yorondera za sakoshi baheka .


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.