IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Inyabwonko > Irobo Curiosity yagize ingorane kuri Maris

Irobo Curiosity yagize ingorane kuri Maris

dimanche 3 Ntwarante 2013

Ikigendajuru citwa Curiosity carungitswe na Amerika kuri Mars, ntikiriko kirakora ubushakashatsi,kuko hari ingorane zadutse mu mamashini nyabwonko( Ordinateur) agenzura uko gikora.

Nk’uko ikigo Jet Propulsion Laboratory(JPL) gikurikirana ibikorwa vy’ico kigendajuru kibisigura,Curiosity cahagaritswe gukora ubushakashatsi bumwe bumwe muri ino ndwi,ibizotuma hagabanuka ibikorwa vyaco kugirango bagumane ibice bimwe bimwe bikoresha ubuhinga bwa none igihe bazoba bariko baratunganya ingorane yavuye kukudakora neza kw’icuma kibika ivyo gifashe.

JPEG - 20.4 ko

Nk’uko bimeze ku bindi bigendajuru,Curiosity kirafise imashini nyabwonko zishobora kuba zirakora mu gihe imashini nyamukuru iba igize ingorane.

Ariko naho ibintu bimeze ukwo,ikigo JPL kiremeza ko hakiri imigenderanire hagati ya Curiosity n’isi.

Ico kigendajuru gifise amapine atandatu,nico cambere carungitswe ku yindi si gifise ivyuma bikora ubushakashatsi bishika kuri 10,cashitse iyo carungitswe muri Myandagaro umwaka uheze.

Ikigendajuru Curiosity carungitswe kugira kimare imyaka ibiri kiriko kigenzura ko ubuzima bwashobotse mu myaka iheze kuri Mars.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.