IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inyigisho umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yahaye abana b’abakozi (...)

Inyigisho umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yahaye abana b’abakozi b’Imana

dimanche 3 Munyonyo 2013

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, Denise Nkurunziza, yarahaye inyigisho abana bavuka mu miryango y’abakozi b’Imana (pasteurs). Mu nyigisho yabahaye, akaba yaberetse ko bafise uruhara runini mu gukoreka kw’ibikorwa abavyeyi babo barangura. Umupfasoni w’umukuru w’igihugu asanzwe ari n’umukozi w’Imana yarasiguriye abo bana ko babwirijwe kuba akarorero keza aho babaye n’aho bagendera.

JPEG - 10 ko
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Nyakubahwa Denis Nkurunziza

Mu ntumbero yo gutegura abana bavuka mu miryango y’abakozi b’Imana, bakurane ubutwari n’ingendo nziza y’akarorero, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi Denise Nkurunziza yarahaye inyigisho abo bana. Afatiye ku gisomwa co mw’ikete Paulo yandikiye Tito igice ca mbere kuva ku karongo ka mbere gushika 7, ahavuga ko umukozi w’Imana abantu bamubonera ku migenzo n’inyifato y’abana biwe. Yishimikije ayo majambo, Denise Nkurunziza akaba yaciye agira ati : « Nk’abana b’abakozi b’Imana, murafise uruhara runini cane mw’iranguka ryiza ry’ibikorwa vy’abavyeyi banyu ».

Kubwa Denise Nkurunziza, urwaruka rw’ubu rurafise ubumenyi n’ubuhinga bukwiye kugira ruteze imbere Ishengero ry’Imana kandi runaritunganye neza haba mu mibano, muvyo ubutunzi ndetse no mu vya politike. Yahamagariye abo bana gukurana ubutwari n’indero runtu kugira bazobe abayobozi b’intwari zibushitse. Yarasavye urwo rwaruka ko rwogendera ubwere ntegerwa rukirinda ibirukwegera mu vyotesha iteka abavyeyi babo ari abakozi b’Imana.

Abafashe ijambo muri urwo rwaruka rwariko rurahabwa inyigisho n’umutambukanyi w’umukuru w’’igihugu, barashinze intahe imbere yuko umuvuga butumwa Joël Francis Tatu wo mw’ishengero Zion Temple afata ijambo. Uno nawe akaba yabwiye urwo rwaruka ko Satani yafashe umugambi wo kuzingamika ishengero ry’Imana ahereye mu miryango y’abavuga butumwa. Ivyo rero na cane cane mu gukoresha ibiterasoni abana bo muri iyo miryango.

Izo nyigisho zaheze habaye ukwibukanyako igikuru atari ukuvuka. Igikuru ni ukubaho ukamenya ibang umunu yavukiye hamwe n’igituma abayeho hano kw’isi. Ico naco akaba ari ukurangura ishaka ry’Uhoraho.


INGABIRE Luc-Noel

Messages

  • Michelle Obama
    Mupfasoni Denise Nkurunziza, Umutambukanya wa S.E. Nkurunziza Pierre, Umukuru w’u Burundi, igihugu cacu, ni vyiza kwigisha urwaruka no ku rwereka ingendo bofata mu kwitegurira kazoza kabo n’igihugu cabo. Umuntu wese yitwa Umuvugabutumwa, abwirizwa kuber’akarorero kez’abandi no kugendera ukuri. Mwame mwibutse ko urwaruka ari abamarayika kandi Uhoraho adakinishwa canke ageragezwe. Nkaba nshimye iciyumviro mwagize co gutumira abo bana ariko nkabasaba muzokwibuke n’urundi rwaruka abavyeyi batari abamenyesha butumwa.

  • I.Asigaye ari Umugabo?
    1)....umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi Denis Nkurunziza yarahaye .....;
    2)..... Denis Nkurunziza akaba yaciye agira ....
    3)Kubwa Denis Nkurunziza....
    II.Yari akwiye guhera kuri abo ba Pasteurs bamwe bamwe bakora bashaka ama honneurs n’ibigiracumi hanyuma urwaruka rukazoshikirwa hanyuma!Agahanura n’umugabo akareka guhindura Ibwirizwa Nshingiro!

  • Mupfasoni denise nkurunziza! imana ikurinde ikongere ubumenyi. bwokurongora . ibigoye nibyishi. ijambo ryimana riravuga ngo.Twere imbuto zabihanye. Ariko kandi kuba umukristu. sukuvugango bagukoreshe ibyobishakiye.

  • ngewe mba CANADA. Ariko huyu mupfasoni wuburundi. ndamwikundira. kuko yubaha Imana. ahubwo abarundi ahobova bakagera babashaka gutegeka,? buriwe intumbero nubutegetsi? uwimana yasize amavuta niwe urongora

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.