IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ababuranira Hilaire Ndayizamba bariyamiriza ikumirwa akorerwa

Ababuranira Hilaire Ndayizamba bariyamiriza ikumirwa akorerwa

vendredi 23 Nzero 2015

Inyuma y’aho umushikiranganji w’ubutungane avugiye ko Hilaire Ndayizamba ari mu bigenjeje nabi arico catumye adahabwa ikigongwe c’umukuru w’igihugu, abamuburanira bagize ico babivugako.

Deo Nzeyimana, umushingwamanza wa Hilaire Ndayizamba ari kumwe n’abandi basanzwe bamuburanira bakaba bahaye ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru, aho bavuga ko uwo baburanira yigenjeje neza, ahubwo agirirwa ikumirwa ridasanzwe, mu kumwima uburenganzira ahabwa n’amategeko. Abamuburanira bakavuga ko Hilaire Ndayizamba atamenyeshejwe urubanza mu gihe abandi bapfungwa bo barumenyeshejwe, akongerako ko n’ikigongwe c’umukuru w’igihugu yakuwemwo mu bandi. Abo bamuburanira bakaba biyamiriza izo ngingo zifatwa n’ubutungane bw’ Uburundi aho babona ko zivangura. Deo Nezyimana akaba asaba umukuru w’igihugu ko yotezurira Hilaire Ndayizamba kuko afise indwara zidakira, kandi kugeza n’ubu amagara yiwe atifashe neza.

Mukamenya ko mu ntara ya Ngozi Pascal Brandagiye yamenyesheje ko Hilaire Ndayizamba arwaye, aja kwivuza, nayo ikigongwe c’umukuru w’igihugu kikakaba kitamuraba, nawene abigira nkana, ko ahubwo abamenyeshamakuru bama bariko bavuga iyo nkuru nk’aho womenga baraherewe n’uwo asanzwe ari mw’ibuye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.