IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Inyuma y’amasaha 48 ntamunezero muba JRR ba UPRONA

Inyuma y’amasaha 48 ntamunezero muba JRR ba UPRONA

samedi 26 Ndamukiza 2014

Inyuma y’amasaha 48 yari yitezweko aba JRR babiri, Lionel Ninteretse na Shurweryimana Fabrice ko barekurwa bamaze kwumvirizwa mu ntahe y’umwiherero na Gaston Sindimwo, hafashwe ingingo yo kuba barapfunzwe mu kurindira amatohoza.

Umushingwamanza w’abo ba JRR akavuga ko iyo ngingo bayakiriye nabi, kuko vyagaragaye ko ingingo yo kubagumiza mu Mpimba, ifatiye ku vya poritike. Umushingwamanza Bienvenue Niyongabo avuga ko bagiye kwunguruza, kuko abo aburanira bapfunzwe atakibagira kiraboneka, ndetse atan’ivyemezo vyo kubagumiza mw’ibuye bihari.

Mukamenya ko abo ba JRR babiri harimwo utwara JRR muri komine ya Kanyosha, bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, bakekwako kuba boba aribo bateye ibisasu ntezwaminwe umuporona wo mw’ishami rya Konsiriya Nibigira, uwo nawe akaba ari Gaston Sindimwo.


Aristide Nizigire

Messages

  • nimwigumye kuko naho mworira bobatwega, ariko umuti mwiyankisha wokurungika Gaston Na Concilia ,prosper ,.bakaja mwijuru muracagowe muriko

  • WEWE WIPFUZA KURUNGIKA IBIREMWA VYIMANA MWIJURU UTARI IMANA UZOHAVA WIYITA MIGROMIKO.

    ARIKO ICIPFUZO KIRATANDUKANYE NIGIKORWA

    URANTUNGA IVYO GUTWARWA BISHIKIRABOSE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.