IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ishengero Guerison des Ames : Abakirisu batanguye gusengera pasitori wabo (...)

Ishengero Guerison des Ames : Abakirisu batanguye gusengera pasitori wabo apfunzwe

jeudi 23 Gitugutu 2014

Inyuma y’ipfungwa ry’umukozi w’Imana Sosthene Serukiza asanzwe asengeshereza mw’isengero Guerison des Ames i Bujumbura, abakirisu bo kuri iryo shengero batanguye amasengesho kugira uwabo apfungurwe.

Igihe twashika kw’isengero Guerison des Ames, twasanze abapasitori batandukanye bariko barambaza Imana bayisaba kuremesha uwo mukozi w’Imana asanzwe apfungiwe mu biro vy’igendereza ry’Uburundi, ndetse n’umuryango wiwe wihebuye. Umwe muri abo bakozi b’Imana twashoboye kuyaga, avuga ko batazi ico uwabo apfungiwe, ariko ko bariko barabitohoza. Amenyesha ko we n’abakirisu bose iyo bava bakagera bababaye kubona uwo mukozi w’Imana apfunzwe.

Kubw’uwo mu kirisu, ipfungwa rya Sosthene Serukiza ngo ntiriraba gusa abari mw’ishengero Guerison des Ames, ahubwo riraba umukirisu wese. Sosthene Serukiza rero yafashwe inyuma y’isakwa ryakozwe ku rugo iwe, abo mu muryango w’iwe bakavuga ko ataco bahatoye, uretse bimwe mu bitabo asanzwe akoresha mu kwigisha ijambo ry’Imana.

Mu biro vy’igendereza bamenyesha ko uwo mukozi w’Imana ariko akurikiranwa n’icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Telesphore Bigirimana avugira ibiro vy’igendereza akavuga ko bakiri mu matohoza.


Aristide Nizigire

Messages

  • yemwegayeeee bageze mubakozi b’IMANA naho! MANA tabara uburundi uwo mugabo nirementanya ririko rirakogwa kuriwe ahubwo baragowe abantu bakora ibintu nkivyo imana izobabaza vyinshi

  • ubundi ko musanzwe muzi neza ko u Rwanda cane cane abarongozi barwo mumvugo nziza KAGAME ko yifuje inshuro nyinshi kugandagura NKURUNZIZA umukuru w’u Burundi wumva arigiki gituma Sosthene Serukiza atoja gukorera iwabo?abo bagabo mubitondere kuko bari kuri gahunda za Kagame nako numvise ngo na Paul Gitwaza agiye gukorera i Burundi kubera ki?kuneka no kwica abo Kagame yifuza kugandagura.Muraba maso.niba namwe mudakorana nabashaka guhungabanya u Burundi igitekerezo canje gitambuke pe.

  • yihangane azosohoka ameze nka Daniel yaterewe mu rwobo rw intambwe!

  • Mana tabara uburundi kuko akari imbere karahinda.

  • Uwari president BAGAZA yatanguye gucisha kubiti no kwibuye abapatiri nabandi bakozi b’Imana bose ariko ntamahigwe yagize yokurambira kungoma bibiliya ivuga ngo duhagarare mu kwera gusa mpwemu wayo yera azatuburanira maze Imana nayo iciza igwanye abatugwanya iyi ntwaro igeze mubakozi b’Imana iminsi yayo iriko irashigwa kw’iherezo ibyayo muzoba mumbwira

  • 1.Umugani ugana akariho. 2.Ukubita imbwa aba ashaka SHEBUJA. 3.urya umuhini aba yototera isuka. 4.agasozi gataka akandi kaba kaniha. Abatutsi bo muri grand lacs (Tous les nilothiques) nimutirwanaho karabaye Peter na DD barahiye kuzuza umugambi wa Havyalimana,Kayibanda,Ndadaye,Interahamwe batashoboye kurangura kubera ubwenge buke bari bifisemwo. Ariko nabibutsako Great lakes region itazaburamwo umututsi n’umwe mu gihe cose iyi si izaba ikiriho. ntimuzatwica ngo mutumareho. IMPOSSIBLE MISSION

  • uwoyiyise rudahirwa azanyemo ivyamoko nikoko!? iyobibiriya yavuze, ivugango. ibibogaboga mumutima wumuntu nivyo akanwa gatuntumukana urinzuvuguko ataco ubiziko. ubwobwoba nubwiki? rekakwototwa.amatohoza akorwe. mbe mwabonyeko muburundi ariho huzuye abanyavyaha gusa,ayomashengero ntimwoyashinga iwanyu murwanda muburundi niho mwabonye rwitaha.havyarimana nabanyagihugu.bishe murwanda ntamana yarihari? ndadaye nabanyigihugu bicwa muburundi ntamana yarihari?. abomwita abakozi bimana bamwe bamwe murwanda no muburundi sibo babigizemo uruhare mugukoribara?none uravuga ngwiki? niyaba atakimwagira azotaha. kuko sumumarayika .numuntunkabandi. kandi gukoricaha ntibisaba amashuri.ivyamoko ntawevyereye, nimwabikwega naho muzobibona . aha simurwanda.urabazinkuru abale shababu mubundi sutwo.

  • kubwivyo Imana niyo mucamanza mukr RER umukoz w’Imana yihangan ubwo igh nikgr azasohok afs iznd nkomez zogkorera Imana

  • Uyu SOSTHENE ni umuntu woherejwe na KAGAME mu rwego rwo kuraba ukuntu nyine bazoca bica NKURUNZIZA.ikindi nuko bashaka no kwica abahutu benshi cyane. Mwitondere abo bantu kuko ubu KAGAME yohereye abasaga 58000 mu KAMENGE

  • BARUNDI mwese mwitonde cyane. Ubu I BUJUMBURA hamaze kugera abatutsi bo mu Rwanda bza baje kudandaza cg gucuruza ibintu nyamara baba bari mu butumwa bwa KAGAME.Abo banyamrwanda POLICE ibafate kuko bashaka kwica NKURUNZIZA.Abo banyarwanda bose mubafate basubire iwabo

  • @BWARIKINDI. Uyu Sosthene ni impunzi ya congo aba i burundi kubera amagume yabaye iwabo, ivyo gutohoza hoho simbabujije nimutohoze ariko ikinyegejwe muri iryo tohoza kirazwi nuko mushaka kwirukana abanyarwanda n’abatutsi b’incabwenge bo mu burundi akarorero ntikari kure. Imigambwe yari itwawe n’abagabo nyabagabo mwarayisenyuye kugira hatware ibijuju byasabitswe n’inda ndende. Nubundi abanyamurenge bari i burundi bashaka bahave bikigendeka kuko umugambi wo kubamara wahejeje gutegurwa neza. Kandi urabona ko nuwabamariye mu gatumba ariho ashaka kwitoza kurongora uburundi, nta sentara iramutunga n’urutoki kubibi yiyemereye icese.

  • Imana idufashe. Mwibuke ko tugez mu gih ciherezo aho n’abakozi b’Imana bazocibwa amazosi kubw’umurimo w’Imana. Twiyubare cn knd dusenge ubudasiba.

  • Reka kuba muteranya abonse rimwe mwebwe muvuga uko niyihe nyungu mufise muryane zoba hagati yivyo bihugu. Reka kuzura akaboz mweho numva mutanga nibitigiri vyabinjiye mu burundi mwabibonye gut ? Ko abantu bangana uk batokwinjir mugihugu umunsumw ntibimenyekane guterany ntaho bizobashikana gusa murihenda cane . Reka guteranya nkuko .

  • leta y’Uburundi irikeka amabinga n’isigeho birarura perezida w’urwanda yaba yifuza iki mu Burundi ko ntacyo bafite, nabaruyoboye ubu batarworoheye yadutse abakozi b’Imana baraje bayibone

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.