IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Basubiye kwishure ryabo inyuma y’amezi atatu basanga ntibagira (...)

Basubiye kwishure ryabo inyuma y’amezi atatu basanga ntibagira amazi

mardi 3 Ruheshi 2014

Inyuma yaho ishure rya Kamenge ya kabiri risubiriye kwugurura inyuma y’amezi atatu ridakora bivanye n’mvura yaguye, ikonona ibitari bike mu Buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, vyinshi biracakenewe kuri iryo shure nk’uko bivugwa n’umuyobozi.

Inyuma yaho iyo mvura igwiriye igahitana abantu n’ibintu ku wa 9 ushira uwa 10 Ruhuhuma, abanyeshure bo ku mashure amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura akaba yaciye yugara, ayo nayo akaba ari ayari yasinzikajwe n’iyo mvura cane. Ishure rya Kamenge ya kabiri riri muri ayo yari yarugawe kubera iyo mvura, n’ubu riracakeneye ibitari bike nk’intebe, amazi, n’ibirasi bimwe bimwe.

Umuyobozi w’iryo shure Dominique Seseka akaba avuga ko naho basubiye ku mirimo, we atagira aho akorera, eka n’amazi mu tuzu twa surwumwe akaba atayariyo, kuko abanyeshure barinda kuja kuyavoa mu ruzi Nyabagere rusanzwe rwegereye iryo shure. Ibirasi bibiri bikaba bitagira intebe, eka ndetse n’amashure amwe amwe akaba afise intebe zidakomeye nka neza, kuko zimwe zimwe usanga zaravunitse muri ico gihe c’iyo segenya. Umuyobozi agasaba abagiraneza kubagarukirako, kuko indwara zivuye kw’isuku rike zishobora gufata abana biga kuri iryo shure.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.