IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubwiza > Inzu cumi nziza zo muri Africa zibamwo abakuru b’ibihugu

Inzu cumi nziza zo muri Africa zibamwo abakuru b’ibihugu

mardi 2 Ruheshi 2015

Ikinyamakuru ca africacradle.com kivuga urutonde rw’amazu cumi ya mbere abamwo abakuru b’ibihugu vyo muri Africa muri uyu mwaka wa 2015.

10. State house (ouganda) :State House ni inzu umukuru w’igihugu c’ Ubuganda abamwo. Iyi nzu iri ahitwa Entebbe, iri ku birometero 40 mu bumanuko bw’umurwa mukuru w’ Ubuganda, Kampala.

Muri iyi nzu akaba niho umwamikazi wo mu Bwongereza yaraye igihe yari yaje gutemberera Ubuganda mu nama y’abakuru b’ibihugu bigize Umuryango w’Ibihugu bikoresha Ururimi rw’Icongereza(Commonwealth).

9. Presidential Palace (Dakar, Senegal) Iyi nzu isa neza isize ibara ryera hose, ikaba ari imwe mu nzu nziza muri Africa. Ikaba ariyo nzu umukuru w’igihugu ca Senegal abamwo.

8. Presidential Palace (Nouakchoutt, Mauritania) Iyi nzu irimwo aho umukuru w’igihugu wa Mauritania aba, hakaba harimwo n’ibiro vy’abayobozi bakuru bo muri ico gihugu. Yubatswe n’Abashinwa. Iyi nzu niyo nzu nziza ya mbere mu murwa mukuru Nouakchoutt .

7. Presidental Palace (Khartom, Sudan) Iyi nzu igizwe nziza n’ibintu bigize amateka kandi bifise agaciro, iri kw’ibarabara ryitwa Blue Nile ahegeranye n’inzu y’amategeko yo muri Khartoum. Iyi nzu niyo umukuru w’igihugu ca Sudan abamwo, ikaba ari nayo irimwo ibiro akoreramwo.

6. Lavaloha Palace(Antananarivo, Madagascar) Iyi nzu iri hejuru y’umusozi. Uravye mu bwiza n’ahantu yubatse ikaba ari iya mbere. Yitwa Lavoloha Palace ikaba iherereye mu bumanuko bw’umurwa mukuru Antananarivo, niyo nzu umukuru wigihugu ca Madagascara abamwo.

5. The Flagstaff House (Accra, Ghana) Iyi nzu ikoreramwo umukuru w’igihugu ca Ghana, akaba ari naho aba, ni nziza cane. Yubatswe kubwo umukuru w’igihugu John Agyekum Kufour. Yubatswe ku miliyoni ziri hagati ya 45-50 z’amadorare n’Abahindi.

4. State House of Namibia (Windoek, Namibia)
Iyi nzu ikikijwe n’uruzitiro runini rwivyuma rungana nka km 2, ifise ibiyo vyirabura yubatse ahantu hangana na hegitari 25. Iyi nzu icungirwa umutekano bikomeye. Iherereye ku murwa mukuru Windhoek mu gace kitwa Auasblick. Iyi nzu ikorerwamwo n’abayobozi bakuru ba Namibiya, niyo nzu umukuru w’igihugu abamwo. Yubatswe n’Abanyakoreya y’Amajaruguru, yatwaye amadorari akoreshwa muri Namibiya imiliyoni 400.

3. Union Buildings (Pretoria, South Africa) Izi nzu zigizwe n’ibiro vy’abayobozi bakomeye bo muri Afrika y’Epfo, hamwe n’ibiro ‘umukuru w’ico gihugu. Iyi nzu iherereye mu murwa mukuru Pretoria .

2. Abdeen Palace (Cairo, Egypt) Iyi nzu ivugwa ko ari imwe mu mazu meza kw’isi kubera amarangi ayisize, uko sa, amasaha maninimanini amanitse mu cumba cose,mbere amwe akozwe mw’izahabu. Iyi nzu igizwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu kandi akayibamwo .

1.The Unity Palace (Yaounde, Cameroon) Kw’isonga haza inzu yo mu gihugu ca Cameroon .Uravye inkingi zifashe ibihome, ubwiza bwazo, ubona ko iyi nzu yubatse ku buhinga.
Iherereye mu gace kitwa Etoudi ko ku murwa mukuru waYaounde. Iyi nzu ikoreshwa n’umukuru w’igihugu ca Cameroon,yatanguye kuyikoreramwo kuva kw’igenekerezo rya 6 Rusama 1982 aho yashingwa amabanga yo kuyobora ico gihugu.


Bill Nkurunziza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.