IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubwiza > Umuhungu wa mbere mwiza, yambara neza akaberwa yatowe

Umuhungu wa mbere mwiza, yambara neza akaberwa yatowe

mercredi 19 Munyonyo 2014

Ikinyamakuru People kiratangaza ku mwaka ku mwaka umuhungu wa mbere mwiza, yambara neza akaberwa canke akundwa n’abantu benshi. Uno mwaka uwaje mu kibanza ca mbere avuka mu gihugu ca Australiya.

Umukinyi w’amareresi, Chris Hemsworth niwe yatowe nk’umuhungu wa mbere mwiza, yambara neza akaberwa, kandi akundwa "sexy du monde". Uwo yasubiriye Adam Levine, umuririmvyi wo murwi Maroon 5 w’i Los Angeles.

Bakurikirana uku gukurikira:

1) Chris Hemsworth

2) Chris Platt, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika

3) Jamie Dornan nawe nyene akina amareresi avuka mu Bwongereza,

4) Ki Hong Lee avuka muri Koreya y’Epfo,

5) Blake Shelton umuririmvyi w’umudiho wa Country,

6) Bradley Cooper, umukinyi w’amareresi wo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika

7) Matt Bomer, umukinyi w’amareresi wo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika

8) Michael Strahan, igicocoro mu mupira w’amagaru wo mu Amerika,

9) Eddie Redmayne, akina amareresi avuka mu Bwongereza,

10) Scott Foley, umukinyi w’amareresi wo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Abo bose bafise uburebure bungana canke burenga imetero imwe na centimetero 8, kiretse Ki Hong Lee avuka muri Koreya y’Epfo afise imetero imwe na centimetero 78 (1,78) kandi nka bose bavuka muri Amerika.

Mbega nawe wotora nde?


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.