IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ipfungwa rya Bob Rugurika ririko rivugwa mu binyamakuru mpuzamakungu

Ipfungwa rya Bob Rugurika ririko rivugwa mu binyamakuru mpuzamakungu

jeudi 29 Nzero 2015

Ibinyamakuru mpuzamakungu nka RFI, Le Monde na Jeune Afrique bibandanya kwandika kw’ipfungwa ry’umuyobozi wa RPA Bob Rugurika, binagaragaza ubutwari bw’uyo muyobozi w’iyo radiyo yigenga.

Ivyo binyamakuru nka vyse bikaba vyandika ko ipfungirwa rya Bobo Rugurika umuyobozi wa RPA ijwi ry’abanyagihugu, ari inkuru yashize ahabona y’igandagurwa ry’ababikira batatu b’abatariyano, biciwe muri paruwasi ya Kamenge. Ivyo binyamakuru bikandika ko atamatohoza y’ukuri yari yakozwe, kugira yerekane vy’ukuri uwakoze iryo shano. Yaba RFI, Le Monde canke Jeune Afrique, vyandika ko General Adolphe Nshimirimana yahora arongoye ibiro bikuru vy’igendereza mu Burundi yavuzwe na RPA, ko atarigera agirwako amatohoza, canke ngo abeshuze ivyo yagirijwe.

Ivyo binyamakuru bikandika ko iyo radiyo isanzwe ikundwa n’abantu benshi, ikumvirizwa n’abantu isinzi mu Burundi, kuko isanzwe itanga inkuru zikomeye. Mu kinyamakuru Le Monde ho bakaba bavuga ko ikibanza ca Bob Rugurika kitari mw’ibohero, yategerezwa kuba ari mu kazi kiwe ko kumenyesha amakuru. Ico kinyamakuru kikaba muri iyo nkuru cakoresheje isanamu yerekana abantu baboshwe iminwa, babujijwe kugira ico bashikiriza, vyerekana intwaro z’umukazo, zibuza abantu gushikiriza iryo bagona.

Tukabibutsa ko umuyobozi wa RPA amaze iminsi icenda abohewe mw’ibohero, azira amatohoza iradiyo arongoye yakoze ku bwicanyi bwakorewe ababikira bamuka mu gihugu c’Ubutariyano. Umwe mu bakoze iryo bara, akavuga ko ubwicanyi bwakorewe abo babikira bwateguwe, bushigwa mu ngiro na bamwe mu baporisi b’abarundi bari kumwe na General Adolphe Nshimirimana yari arongoye igendereza mu Burundi, n’umunyagihugu asanzwe akora muri Centre jeune Kamenge, azwi kw’izina rya Guillaume Harushimana.


Aristide Nizigire

Messages

  • Bob ihangane,burya hari igihe ugirira inabi umuntu ugira ngo uramushoboye ariko umutera gukomera,uwapfunze BOB yamuteye gukomera kuko mu misi agiye kuronka AGASHIMWE mpuz’amakungu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.