IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > theatre > Isabukuru "Buja sans Tabou" irabandanya i Bujumbura

Isabukuru "Buja sans Tabou" irabandanya i Bujumbura

samedi 8 Ruhuhuma 2014

Isabukuru ya mbere mu Burundi y’ivyese yaraye yuguruwe icese. Umurwi Troupe lampyre wuguruye ibikorwa vy’isabukuru Buja Sans tabou izomara iminsi 4. Theatre ya mbere ku rutonde yagiye ahabona yavuga ku bijanye n’ingorane zihura n’abanyamwema.

Isabukuru y’ivyese ya mbere mu Burundi iriko ibera I Bujumbura yaguruwe ku munsi w’igenekerezo rya 06 Nzero izorangira ku munsi w’Imana igenekerezo rya 09 Nzero. Isabukuru Buja sans Tabou izomara iminsi 4, ubu igeze ku munsi wa kabiri. Umunsi wa mbere wokwugurura isabukuru wabereye mu kigo c’abafaransa, aho Freddy Sabimbona arongoye umurwi w’ivyese Troupe Lampyre yugurura icese ibikorrwa vy’isabukuru. Mw’ijambo ryiwe yashikirije ko ari umunezero kuri we wo gutanguza umuhora abantu bavugiramwo ivyo bahora batinya kuvuga. Yongeye kandi avugako iyo sabukuru ije ku bwa bakunda Théâtre no kwerekana ko no mu Burundi bazi Theatre ico ari co.

JPEG - 276.2 ko
Freddy Sabimbona

Mujimbere Gabriel, umwe mubateguye iryo sabukuru, yamenyeshejeko n’inyigisho zatanzwe ku banditsi n’abakinyi ba Theatre. Izo nyigisho zatanzwe n’abahinga mu vya Theatre bavuye mu gihugu c’Ubuganda, Deborah Asiimwe aherutse kuronswa agashimwe k’umwanditsi n’insamirizi ya BBC bita Prize For African Writing hamwe na Benoit Marchand, umufaransa yatanga inyigisho ku bakinyi ba Theatre.

Ijambo ry’umutwe ry’iyo sabukuru ryari Uburenganzira bwo gushikiriza iciyumviro . Ama Theatre yari ku rutonde rw’ayazokinwa harimwo Les travaux d’Ariane, Humilier un enfant permet de lui faire un homme. Ku munsi wa mbere hakinywe Theatre les Travaux d’Ariane aho bavuga ingorane zishikira abanyamwema.

JPEG - 77.6 ko
Icese "Les Travaux d’Ariane"

Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.