IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ishirahamwe EPL risaba irekurwa rya Petero Karaveri Mbonimpa

Ishirahamwe EPL risaba irekurwa rya Petero Karaveri Mbonimpa

dimanche 18 Rusama 2014

Mw’ishirahamwe riharanira uburongozi bwiza bariyamiriza ifungwa rya Petero Karaveri Mbonimpa arongoye APRODH. Ku bwabo barongoye iryo shirahamwe, birababaje kubona abaharanira agateka ka zina muntu bazira akazi kabo, nk’uko vyashikirijwe na Pascal Irariha arongoye iryo shirahamwe.

Mw’itangazo basohoye kuri uno w’Imana, mw’ishirahamwe EPL (Espoir pour la Promotion du Leadership) bamenyesha ko bashatse kwerekana umubabaro bafise ku vyerekeye itotezwa n’ifungwa rya Petero Karaveri Mbonimpa asanzwe aharanira agateka ka zina muntu n’ak’abafungwa. Pascal Irariha, umukuru w’iryo shirahamwe abandanya avuga ko ivyashikiye Petero Karaveri Mbonimpa bisa n’ivyabaye akamenyero, kuko mu minsi yahera vyashikiye n’umuhingwamanza Rufyikiri Isidore aho yaburabujwe, ndetse ubu akaba atagisohoka igihugu. Ivyo rero birononera igihugu, kuko no ku rwego mpuzamakungu basanzwe ari abantu bubahwa cane, nk’uko Pascal Irariha abandanya abimenyesha. Avuga rero ko mu gihe vyobandanya gutyo mu Burundi batubahiriza agateka ka zina muntu, amakungu ashobora gufatira ibihano Uburundi, na kare ko igihugu gisanzwe ahanini kibeshejweho n’imfashanyo ziva hanze.

JPEG - 62.1 ko
Petero Karaveri Mbonimpa yashikanwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuri uwu wa gatanu (Photo : IWACU)

Mw’ishirahamwe EPL basaba ko Petero Karaveri Mbonimpa yorekurwa atakirinze gusabwa. Basaba kandi ko hoba amatohoza ku vyerekeye ibimaze iminsi bivugwa ko hoba hari urwaruka ruri mu myimenyerezo ya gisirikare, hamwe n’ibirwanisho vyoba vyaratanzwe mu gihugu. Ayo matohoza nayo yokorwa n’umurwi ataho wegamiye nk’uko Pascal Irariha abandanya abishikiriza.


Floxella Karire

Messages

  • Kubwanje Leta yuburundi irakwiriye kuvira hasi uwo wese yihaye intego yukugumura abarundi ngobiriko biracika yitwaje ngoniko kazi akora biribonekeza neza kwamashirahamwe yiyita ngontaharanira inyungu za Politique kandi vyibonekeza nezako arwanya Leta afadikanije nabifuza gushikira ubutegetsi babanje gucafuza igihugu cabibarutse ,amase yakera ntagihoma urutaro kandi ubutegetsi ntiburonderwa ukwo,hama iryo shirahamwe naryo imbere yugusaba kwarekurwa niribanze rirabe uburemere bwicaha yagirizwa hanyuma ntamuntu ari hejuru yamategeko kandi nayomakungu mwitwaza ngoyofatira ibihano uburundi kubera bapfunze abanyamakosa nabo baraziko amakosa akozwe ahanirwa bataravye uwayakoze.ndasavye abarundi mwese muhindure ingendo mubanze mukunde igihugu canyu hama mureke guta ubwoko mukurondera ubutegetsi bidashoboka iguihe canyu nicagera muzoshikirwa biciye munzira nziza.

  • IMBWA MUGUPFA IRAKOBA. UBUHANUZI BUJE KUMUSENZI , AFUNGWE.
    UVUZE KO ABANTU BARIKO BAHONA, ABAMBWE.
    UKOROYE ATI NGAHO BARUNDI, UMUTWE.
    UMUBEHE WATEGUWE GUSHIRWAKO UMUTWE WA YOHANA HARIHO IBIHANZA VYAMA
    VYITEGUYE KUWUKATA ABO RERO BAKORA IVYO BATAZI IVYIMANA YAVUZE NINGOMBWA BIBE
    IGIHUGU SI IMANA YAKIBAHAYE KUKO IVYO MUKORA SI UBUGOMBE BWIMANA
    MUZOBIBONA

  • Abarundi mugira isoni nke kabisa, ubu abo biyita civil society baracavuga? Canke bari bakwiye kurya ivyatsi bakaraba aho bihamba

  • mbega Mbonimpa ara àivyumutekano canke araba ivyagateka narekere leta ivyumutekano akurikirane ivyabarenganijwe kandi turamushima kuko yabikora neza sinzi abamwoheje kwisuka muvyumutekano wigihugu

  • @Nkeshimana,ndakuramukije kandindagushimira kuvyiyumviro watanze. Hanyuma nanje nagomba kubwira abobose bahurikiye muri EPL ( Espoir pour la promoyion du leadership) ko akataretse kabagasema, kandi ndasavye reta ibakoreko amatohoza bashobora kuba aribo bahenze na Mzeeh Mbonimpa agakora ibidakwiye gukorwa, nukuri abobiyita EPL mubakoreko amatohoza kukojewe narimaze imisi nibaza ukuntu Mbonimpa ariwe yifashije gusara nako kudambikanya biryabintu wenyene none abobafashanyije barabonetse mubahamagaze muronderemwo abomurungika aho Mbonimpa ari kuko siweyobishurira ibihano kandi abofafarikanije bahejeje kwiserura. Buryamwakoze amatohoza bikwiye biryabintu Mbonimpa yakoze bifisebashi vyofata kandi amatwansumira namazekumenya kwamatohoza arikwaragendaneza, ariko munyarutse mudutorere umwe canke babiri muri EPL mubakoreko amatohoza ndabona harimwo abakwiye gusanga Mbonimpa ahari, birasesemye!!! Tuuuu!.

  • None amashirahamwe arazi amategeko?Nka EPL ngaho yashikirije iki?aho guhanurana ayo mashirahamwe nugusukana gusa?Canke ni ryari abiyita ko badaharanira ivyicaro vya politique bazokwemera ko bakoze ikosa?ubu nyene biyemeje gushikirana mumafuti?uwufashwe ngo amakungu,ngo imfashanyo zihagarikwe,mbega baribagira ko uburundi bwikukiye,kandi ko bufise imana?Ahubwo mbonimpa nasabe ikigongwe yaramenje kubona abeshera igihugu nabenegihugu atavyemezo afise.

  • Abobashingwamaza kobakunda igihugu cabo vyukuri kwataco baragira icobavuga kuri ziryandege zagisirikare zu Rwanda zari harya kumupaka wu Burundi nu Rwanda uciye muntara ya Ngozi!

  • Abahutu ntabwenge mugira mbe mwbijujumwe!simwe mbona muriko muramarana hagati yanyu?bizoteba bijahabona ikinangazaa niko muumisi irimbere nzoja numv ngo kwashi iramaariy,IMUTABIRA.sha ABAHUTU twibagira ningoga!

  • Ndabasavye mureke kuvuga amajambo mabi kuko agasho kubakiwe abagabo bose kandi Imana vyukuri niyo izi ukuri kwose ibinyegejwe vyose Izobigaragaza ariko nti mugarukane amoko nkuko tubona bamwe mubatanga ivyiyumviro baguma bavuga abahutu na batutsi n’abatwa twese Imana niyo yaturemye. Ntaforoma ifyatura umuhutu canke umututsi n’umutwa Ico tuzi Imana yaremye umuntu mwishusho yayo.

  • Ubu namarame kuko imvugakuri ziriko zirahera mu gihugu,ubu rero nuwoza akakwicira mwibarabara ni powa ntawuzovuga ukuri aho kuri,imvuga kuri zose ni kupanguza,ukuri kuzosigara ari kumwe gusa DD ddde! !

  • Ubu namarame kuko imvugakuri ziriko zirahera mu gihugu,ubu rero nuwoza akakwicira mwibarabara ni powa ntawuzovuga ukuri aho kuri,imvuga kuri zose ni kupanguza,ukuri kuzosigara ari kumwe gusa DD ddde! !

  • Iryo shirahamwe ahubwo rirubahuka, hariho ikindi gihugu kwisi cari gushobora kubandanya cihanganira umubeshi nkurya yihaye uruhusha rwuko umengo Leta ashaka igendere ku mategeko yiwe, yama ariko aravugira opposition kandi kandi tuzi ivyo yari ajejwe. Ubu naho yari ageze mwiperereza ndagowe basha. Urya mutama yari yarigize surivu umengo niwe riho yashaka gusumvya ninguvu Leta, niwe mbere yari akomeye muri opposition gusumya na ba Pacifique. Ubu abantu boba bariruhutsa induru ikaba iragabanuka. Ahubwo turakeje Leta ku gikorwa gikomeye yaraye ikoze mu kumuhagarika guko ahandi hoho umengo baramutinya yari yabaye nka Radjabu aho umukuru w’igihugu atari akivuga. Ntituriko turagwanya opposition mugabo wewe yisuka muri vyose yari yarigize surivu, umengo yari hejuru y’amategeko. Il a depasse la ligne rouge nimwemere ahubwo aho gushigikira abantu nkabo muze murahanura ntibaze barisuka muri vyose banateranya abonse rimwe.

  • Igihe komutaduha makuru yivyabaye ingonzi kumupaka wurwanda nu burundi ingene ingabo zurwanda zinjiye muburundi zikabuza na bantu gukora imirimo yabo mwumve akigenzo kandi no kuri tv RTNB vyaraciyeko

  • None mushaka bamurekure kandi yaratubeshe akaza kutwereka amafoto ya M23 yakuye kuri internet. Ni mutekereze mureke kudendemba sha!!!

  • NTAJAMBO RYUWO MUTAMA, KUKO UKURI KWAMUTAYE KUWAMAZI. MBWIRA INGENE YORONKA IBIZIGA VYABARUNDI BARI ICONGO. YARANANIWE NUKWEREKANA IBIZIGA YIYEMEREYE BE NA ABEL NSHIMIRIMA KANDI BAZI NAHO BABAHAMVYE MUBURUNDI, AKABA HACIYE IMYAKA IBIRI ATARAHEREKANA. MUTOZE URUFASONI KUKO ARI IBITERA SONI, KUBONA UMUTAMA NKUYO ATAKAZA UBUNTU NURUFASONI KUBERA INDA YIWE.

  • None mushaka bamurekure kandi yaratubeshe akaza kutwereka amafoto ya M23 yakuye kuri internet. Ni mutekereze mureke kudendemba sha!!!

  • Bira babaza chane umunyagihugu gutafise ichowovuga mugihugu chawe!!waretawe urikubutegetsi umenye mwanawese arikunda na buyoya yarahavuye ndetse wewe ujuvuyemwishamba

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.