IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe OLUCOME rirashima ingingo yafashwe n’umukuru w’igihugu

Ishirahamwe OLUCOME rirashima ingingo yafashwe n’umukuru w’igihugu

lundi 2 Kigarama 2013

Mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi baheruka kumenyesha, ku munsi wa gatandatu ko bahagaritse imigambi yo gushira imitahe mw’ishirahamwe AMANDA Drinks, imigambi yagira irangurwe n’amashirahamwe abiri SOCABU (Societé d’Assurances du Burundi) hamwe INSS (Institut Nationale de Sécurité Sociale). Mw’ishirahamwe OLUCOME barashima iyo ngingo bagasaba ko umukuru w’igihugu yokwama ahagararira inyungu z’igihugu amazi atararenga inkombe.

Bivanye n’ivyagiye birashikirizwa ku migambi yo gushira imitahe mw’ishirahamwe AMANDA Drinks, abatari bake harimwo n’abanywanyi bamenyesha ko ayo mashirahamwe abiri, SOCABU na INSS azohahombera, umukuru w’igihugu yabaye arafata ingingo yo kubwiriza ayo mashirahamwe kuba arabangiriye mw’ishirwa mu ngiro ry’iyo migambi yo gutanga imitahe. Umukuru w’igihugu yarasavye kandi umushikiranganji w’intwaro ibereye gukora amatohoza kugira yerekane intumbero y’iyo migambi ya SOCABU na INSS. Icegeranyo casohowe n’ubushikiranganji bw’intwaro ibereye cerekanye ko amakenga yashikirijwe afise ishingiro, ari naco gituma umukuru w’igihugu, biciye ku muvugizi wiwe Léonidas Hatungimana, yaciye afata ingingo, ku munsi wa gatandatu, yo guhagarika iyo migambi y’amashirahamwe abiri SOCABU na INSS, yo gushira imitahe mw’ishirahamwe AMANDA Drinks rihingura ibinyobwa.

JPEG - 35.3 ko
Prudence Bararunyeretse, icegera c’umukuru wa OLUCOME

Ishirahamwe ryiyemeje kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya Reta OLUCOME (Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques) barashima iyo ngingo y’umukuru w’igihugu, ariko bagasaba ko abategetsi b’igihugu bobandanya barikanura kugira bagarukire aho hose inyungu z’igihugu zoba zibangamiwe. Kubwa Prudence Bararunyeretse, icegera c’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME, iyo umukuru w’igihugu afata ingingo nk’iyo mu maguru masha igihe ikivuko ca Bujumbura cariko gitunganwa nabi, abakozi baco ntibari kuhahombera.

Ishirahamwe OLUCOME rihamagarira umukuru w’igihugu gukebura n’abandi bategetsi b’igihugu bafata ingingo zitosekaza ubutunzi n’inyungu z’igihugu.


Egide Nduwimana

Messages

  • OLUCOME mwagize neza gusemerera, rero ntimubwire umukuru w’igihugu kwama agavye, ahubwo mwebwe mube maso mwitohoza hirya no hino mumenye ibintu ingene biriko bikorwa. Isoko ya Cotebu iratevye turavye igihe bari batanze, mutohoze igituma, ko atabunyonyezi buhari, eka n’ibindi mugutanga ubuzi birirko bivugwa nka Universite y’uBurundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.