IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ishure shingiro: Abigisha barateguwe neza

Ishure shingiro: Abigisha barateguwe neza

samedi 1er Ruheshi 2013

Abigisha bagera ku bihumbi bitanu nibo bamaze guhabwa inyigisho zo kwitegurira umugambi w’ishure shingiro rizotangurana n’umwaka w’ishure w’2013 ushira uw’2014.

Nk’uko bimenyeshwa na Tharcisse Habonimana wo mu gisata c’ivyigwa muri BEPEB (Bureau d’Etudes des Programmes de l’Enseignement de Base), abigisha bazotangurana n’umugambi w’ishure shingiro barateguwe neza, aho amenyesha ko abo bigisha bakarihirijwe ubwenge ku buryo bazoshobora kwisunga indinganizo nshasha y’ivyigwa mu mugambi w’ishure shingiro.

Abanyeshure baharurwa mu bihumbi 139 n’amajana abiri bakaba aribo bitezwe mu ntango z’umwaka mushasha w’ishure uzotangura mu kwezi kwa Nyakanga, ishure rimwe rikazoba rishobora kwakira abanyeshure mirongo itanu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.