IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ishure shingiro, intambwe mw’iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika (...)

Ishure shingiro, intambwe mw’iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko

samedi 31 Myandagaro 2013

Mu ntumbero yo guhamvya ibindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko, Uburundi ejo aho bukera, kuva mu kwezi kwa Nyakanga buca twinjiramwo, amashure agiye kubandanya gushika mu mwaka w’icenda.

N’aho imyiteguro ikibandanya, ishure shingiro rizotangurana n’umwaka w’ishure buca utangura. Rose Gahiru, umushikiranganji w’amashure y’intango n’ayisumbuye araremesha abiyumvira ko umugambi w’ishure shingiro niwatangura, inyigisho zizotakaza akanovera. Imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka, umushikiranganji Rose Gahiru yamenyesheje ko ahubwo biteze ko hagiye kuboneka impinduka mu bijanye n’ubumenyi bwahora buhabwa abanyeshure. Nk’uko yabisiguye, uwo mugambi utunganijwe ku buryo inyuma y’ikibazo ca Leta co mu mwaka wa gatandatu, umunyeshure azobandanya gushika mu mwaka w’icenda. Kugira yinjire mu mashure yisumbuye, azoba yabanje gutora ibibazo bizokorwa mu mwaka w’icenda. Abazoba bananiwe ivyo bibazo bazotahana ubumenyi buzobafasha kubandanya ubuzima. Imbere y’uko abashingamateka n’abakenguzamateka bemeza uwo mugambi, Rose Gahiru yamenyesheje ko umugambi w’ishure shingiro uzofasha benshi kuja kw’ishure.

JPEG - 14.3 ko
Rose Gahiru, umushikiranganji w’amashure y’intango n’ayisumbuye

Ariko rero intambamyi ntizibuze mu nteguro z’uwo mugambi

Valery Ndayizeye, ni umuvyeyi w’abana babiri, umwe muribo agiye mu mwaka wa gatandatu, uwundi mu mwaka wa kane kw’ishure rito ryo kw’i Jabe. Ku bwiwe, n’aho uwo mugambi ari ngirakamaro, imyiteguro yo kuwinjiramwo ntiyari bwahere kuko hacibonekeza ubwinshi bw’abana mu mashure hamwe n’ubukene bw’ibikoresho n’abigisha.

Ku kibazo c’ubukene bw’abigisha, Tharcisse Habonimana, umuyobozi wa BEPEB, ibiro bijejwe inyigisho yamenyesheje ko abigisha bagera ku bihumbi bitanu aribo bahawe inyigisho zibakaburira ubumenyi mu ntumbero yo kwitegurira kwakira abana ibihumbi cumi na bibiri buca batangurana n’umugambi w’ishure shingiro.

Eulalie Nibizi, umukuru wa sendika STEB amenyesha ko hagikenewe ingingo ziherekeza uwo mugambi. Kubwiwe, birakenewe ko hokwubakwa amashure menshi, n’ibitabo bikaba vyinshi kugira abanyeshure boroherwe mu nyigisho.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.