IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Buterere: ishirahamwe "Uburundi Bwacu" ryatanze imfashanyo y’ibitabo

Buterere: ishirahamwe "Uburundi Bwacu" ryatanze imfashanyo y’ibitabo

samedi 12 Ndamukiza 2014

Ishure ritoya rya Buterere ya mbere(Buterere I) iri muri komine Buterere yo mu gisagara ca Bujumbura yararonkejwe imfashanyo y’ibitabu itanzwe n’ishirahamwe Uburundi Bwacu. Vyatanzwe mu ntumbero yogufasha abana kuronka ubumenyi mu gusoma, no kurondera ico bafasha mu gihe c’uburuhuko bareke kuyerera ataco bariko bimarira.

Imfashanyo y’ibitabo bitari bike n’iyo yahawe ubuyobozi bw’ishuri ritoya rya Buterere ya mbere (Buterere I). Nk’uko vyavuzwe n’icegera c’uwurongoye ishirahamwe Uburundi Bwacu ari naryo ryatanze iyo mfashanyo, ni mu ntumbero iryo shihamwe ryihaye yo kwitwararika indero n’ubumenyi bw’abana ata vangura rifatiye kuri iki canke kiriya. Abandanya aguvako ko iyo mfashanyo ije gufasha abana biga kuri iyo shuri kubungura ubumenyi buvuye mu vyo bazosoma muri ivyo bitabu, buzoba buje kwiyongera ku vyo abigisha babo bazoba babigishije.

Ico cababa c’uwurongoye ishirahamwe "Uburundi bwacu" avugako ivyo bitabo bizonafasha kugabanya umwanya abana bahora batakaza bariko barayerera mu mabarabara. Ivyo bitabu birimwo inyigisho zitari nke bizonafasha abigisha kwungura ubumenyi. Mw’ijambo ryiwe yaragarutse gukebura abavyeyi abahimiriza guha umwanya abana babo bareke kubakoresha mu bikorwa vya minsi yose narirya Buterere iri mu ma komine ya mbere akenye mu gisagara ca Bujumbura.

Abana basabwe kwijukira gukoresha inzu y’ibitabo (Bibliothèque) yuguruwe kw’ishuri yabo ku bwabo. Abigisha nabo basabwe kuzofasha abana bazoza kwikora kuri ivyo bitabu kubereka uko bikoreshwa kuko ni bo Burundi bw’ejo.

Umuyobozi w’iryo shuri Kanderano Joselyne, amenyeshako iyo mfashanyo ije hageze kuko abana bazosoma ivyo bitabu maze bunguke ubumenyi. Abandanya avuga ashimika ko ivyo bitabu bizofasha cane cane mu gihe c’uburuhuko. Uwo muyobozi ati:"ivyo bitabu bizofasha mu buruhuko kuko wa mwanya abana bahora bata bariko barayerera bazoca baza gusoma ibitabu, eka n’abandi bava mu yandi mashuri bazoharonkera akarusho".

Uwo mupfasoni yaranamenyesheje ko ibitabu biri mu bintu biha akanovera inyigisho, ivyo rero bituma abana biyumvamwo ishuri, ya ngeso yo guheba igaheza ikaranduranwa n’imizi.

JPEG - 1.1 Mo
Kanderano Joselyne,umuyobozi w’ishuri ya Buterere

Uri abana, abavyeyi baraho n’abigisha, bakiranye akamwemwe ntangere iyo mfashanyo bongera basaba abarongoye ishirahamwe Uburundi Bwacu kwama bitaho indero y’urwaruka mu gufasha kuri ico cose coza giteza imbere urwaruka.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.