Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Isubirwamwo ry’amategeko kugira ahure n’ayo mu muryango wa Afrika (...)
 Isubirwamwo ry’amategeko kugira ahure n’ayo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko
 Isubirwamwo ry’amategeko kugira ahure n’ayo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko
				
				vendredi 28 Ruhuhuma 2014
Uburundi buriko buraraba ingene busubiramwo amategeko ahari kugira ashobore guhura n’ayo mu bindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko muri wa mugambi w’ishirwa mu ngiro ry’isoko rusangi.
Mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika batunganije inama yo guhanahana ivyiyumviro, mu ntumbero yo kurabira hamwe ingorane n’inzitizi zihari, mu bijanye n’isubirwamwo ry’amategeko azotuma ishirwa mu ngiro ry’isoko rusangi rishoboka.
Mu vyashikirijwe n’umushingwamanza Augustin Mabushi, yamenyesheje ko amategeko agiye gusubirwamwo ari cane cane ayajanye n’amashirahamwe y’ubudandaji, amategeko ajanye n’urudandazwa muri rusangi, amategeko ajanye n’ivy’uruja n’uruza ku mbibe z’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko, hamwe n’ayajanye n’ivyo guhomba (loi sur l’insolvabilité et la faillite). Intambamyi rero ntizibuze kugira ayo mategeko asubirwemwo, izo nazo ni intambamyi y’umwanya, ibikoresho, uburyo hamwe n’ubumenyi. Ururimi narwo nyene ni imwe mu ntambamyi, kuko igihugu c’Uburundi gisanzwe kivuga ururimi rw’igifaransa, kandi amategeko ari mu rurimi rw’icongereza.
Isoko rusangi rero rifitiye akamaro kanini Uburundi n’ibindi bihugu biri mu muryango wa Afrika y’ubuseruko, kuko rizotuma haba uruja n’uruza mu bindi bihugu vyo mu karere k’uwo muryango wa Afrika y’ubuseruko, yaba ku badandaza, ku banyeshure, hamwe no kubaronka ubuzi kuko amategeko amaze guhinduka, batazoba bagihura n’inzitizi, nk’uko vyashikirijwe n’umushingwamanza Augustin Mabushi.
Floxella Karire
