IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Kamenge : Abanyagihugu bahagaritse ibikorwa barindiriye ko Bob Rugurika (...)

Kamenge : Abanyagihugu bahagaritse ibikorwa barindiriye ko Bob Rugurika ashika

jeudi 19 Ruhuhuma 2015

Bamwe buriye ibiti, abandi bari hejuru ku mazu, abandi nabo hejuru ku mamodokari n’ivyuma bitandukanye, bose bakaba bari baje kurindirira Bob Rugurika mu Kamenge, aho bita kuri gare du Nord.

Abanyagihugu isinzi, bamwe bahevye barambura uduhuzu twabo kubera umunezero, abandi bagaramye mu mabarabara, tukaba tutashobora kubona aho batangurira n’aho bahereza. Abo banyagihugu bakaba bari bambaye utumwanya tw’urwatsi rubisi mu mutwe, abandi nabo bambaye ivyatsi n’amababi y’urwatsi rubisi, bakaba batamba biruka, bavuga ko ukuri gutsinze ikinyoma.

Abo banyagihugu bakaba basaba ko abishe ababikira Olga, Lucia na Bernadette ko bofatwa, bagatabwa mu mvuto kuko bakoze icaha gikomeye co kwica abatamakazi bihebeye Imana. Abagore, abagabo, abana b’imiyabaga, bose bari buzuye ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo, gushika i Kiriri. Abaporisi rero bakaba barengewe, baraheba ivyo kwirukana abantu mw’ibarabara, baca baja mu banyagihugu bose barindira ko Bob Rugurika ashika.

Mwomenya ko ibikorwa bitandukanye muri komine ya Kamenge vyari vyahagaze, aho n’abanyeshure bari basohotse, baja gutegera umuyobozi wa RPA avuye mw’ibohero i Muramvya. Aha tukavuga nk’amashure yisumbuye y’abigenga y’aho mu Kamenge, ishure ry’ubuvuzi riri ku wa 28 Munyonyo, n’amashure ya kaminuza atandukanye akaba atari yatanzwe.


Aristide Nizigire

Messages

  • Burundi bushasha oyeeeeeeeeeeeeeeeee CNND FDD BY BYYYYYYYYYYYYYYYYYY TUZOBINISHA UMWINO WAMAZI YIPILIPILI VUBA GANZA BURUNDI BWIZAAAAAAAAAA

  • Yoooo,nizere ko ibimaz imisi biba biriko biratanga icigwa!!!burya agati gateretswe n’IMANA ntigahenurwa n’umuyaga.!!kandi burya akahitiy sinzi ko abari k’ubutegetsi harico bakazi ko!!!KAHITANYE IMVYEYI AHARI IVYERO HAVYAGIRA IVYAGO!!!!
    Nyimba babizi bohevye agatima k’ubunyeshamba bakava ibuzimu bakaja ibuntu!!! bareke kuba BANDAYIHURUME!!Kuko inyuma yugutwara harashobora kuba ugutwarwa, maze abahora bakurinyuma bashobora KUGUKURAKO AMABOKO!
    Mbe bigenze uko bazoba abande!!
    Uwobazi ko harico yiyagiriza nave IBUZIMU AJE IBUNTU!!!Atsinde IKIBI.UMUTIMA W’UBUKOKO AWUTE.Kuko Ico mbona co nuko ABARUNDI BARI MASO.BARAKANUYE!!!!!!

  • C’est une belle occasion pour Nkurunziza de reflechir et encore reflechir pour son 3è mandat qu’il est en train de forcer

  • cdd iragowe nukuri,ivyo mubona ataribitero.

  • EGOME BIRAKWIYE KO ABADD BIKUBITA AGASHI KUKO IGIHUGU KIGEZE AHATEMBA PEE

  • EGOME BIRAKWIYE KO ABADD BIKUBITA AGASHI KUKO IGIHUGU KIGEZE AHATEMBA PEE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.