Accueil > Ubutunzi > Karusi: Hegitari zirenga 800 z’imirima y’umuceri zarariwe n’ibinyabwoya
 Karusi: Hegitari zirenga 800 z’imirima y’umuceri zarariwe n’ibinyabwoya
 Karusi: Hegitari zirenga 800 z’imirima y’umuceri zarariwe n’ibinyabwoya
				
				dimanche 24 Ruhuhuma 2013
Kuva kw’igenekerezo rya 12 Ruhuhuma 2013,ibinyabwoya vyonona imirima vyarariye imirima ku buringanire bwa hegitari 820,mu mirima yo mu myonga 27 yo mu ntara ya Karusi.
Nk’uko amakuru dukesha insamirizi y’igihugu abimenyesha,komine Bugenyuzi niyo yasinzikaye cane kuko amahegitari yababa 400 ariyo yononekaye mu myonga 12,ikurikirwa na komine Gihogazi naho ivyo binyabwoya vyariye amahegitari 220 yose arahera.
Nk’uko ayo makuru abandanya abimenyesha,izindi komine zasinzikaye cane ni komine Buhiga na komine Shombo imwe yatakaje ihegitari 150 iyindi itakaza hegitari 60.
Abanyagihugu bo muri iyo ntara ya Karusi baratinya ko ivyo binyabwoya bishobora gutandukira ibindi biterwa bafatiye ku muvuduko vyariyemwo iyo mirima y’imiceri.
Umuyobozi w’uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Karusi,Majambere Gustave,yamenyesheje ko umwimbu w’umuceri uzogabanukan bivuye kuri ivyo binyabwoya,agasaba ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi kugira babirwanye.
Mugisha Van Naris

Messages
28 Ntwarante 2013, 13:30, par David shimayesu
Ndabaramukije,ahoromwebwe mudushikiriza aya makuru.Turasaba Umushikirangaji w’uburimyi n’ubworozi koyongarukira kur’ intara Ya Buhiga, Shombo,Bugenyuzi,nizindi... mukuduha umuti wogupompa ivyo binyabwoya,Abanyagihungu ntibacike intenge ahubwo babandaye barima kuko ivyo nibisazwe bizohera.Gusa nibaduhe imiti yo kubipoma.