IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Kayanza : Ukugumuka niko kwatumye abanyeshure 62 birukanwa

Kayanza : Ukugumuka niko kwatumye abanyeshure 62 birukanwa

mardi 25 Ruhuhuma 2014

Abanyeshure bagera kuri 6 2 bo kw’ishure ryisumbuye ryo mu Kayanza barirukanywe indwi yose mu bigo vy’ishure, bazize ko bashatse gushigikirana mu makosa, muri yegereyegere.

Abanyeshure biga mu mwaka wa nyuma w’inderabigisha ( Ecole Normale) barirukanywe bose, inyuma yaho bashigikiye umunyeshure asanzwe abarongoye, icegera ciwe hamwe n’uwundi umwe, abo banyeshure bakemera kumushigikira, ndetse baca bahagarika kuja mw’ishure inyuma y’umutaga kuri uyu wa gatanu uheze, igenekerezo rya 21 Ruhuhuma, igihe abo babarongoye bari bagirijwe kuba ataco bakoze mu burongozi bwabo, abo bigana batanguye yegereyegere, ariko guca babirukana indwi yose.

Ubuyobozi bwagiriza abo banyeshure kugumuka, mu gihe ikibazo cabo kijanye n’amafaranga yo kwiyunguruza baja kwimenyereza bariko baraciga abakijejwe. Amafaranga rero angana 19000 ku munyeshure, akaba ariyo yatumye uko kutumvikana hagati y’abarongoye ishure n’abanyeshure badacana uwaka. Ubu rero abo banyeshure bakaba baciye birukanwa bose, naho ubwa mbere hari hirukanywe ababaserukira gusa. Bose bakaba baciye bagirizwa kugumuka. Bazosubira kugaruka mu bigo vy’ishure, indwi iheze.


Aristide Nizigire

Messages

  • None abo bategetsi b’iryo shure bisigura gute mu gihe abanyeshure basaba amahera yabo..? Jewe simbona ko kubirukana ari muti kuri izo ngorane. Binasubiye, nta kuntu abo banyeshure bari kureka gushigikir’ababaserukira. Ahubwo l’Eta n’abo bategetsi b’iryo shure, ni bakwakwanye bahe amahera abo banyeshure babonereho kubandany’ivyirwa vyabo. "Mu nda harara ikigoyui hakazinduka inzigo". Kurya abakozi bahembwa, ni bibe uko no ku bandi. Nta mwana n’ikinono. Ibi vyo guherana canke kwitez’utunyoni ngo ibibazo vy’amahera canke imishahara biriko vyirwa, ni ugusinziriza abanyagihugu. Ibijanye n’imishahara canke umutekano w’abanyagihugu, birateganywa. Kuba umutegetsi canke umurongozi, nta gukekeranya. Ingorane zishitse, 60% zibwirizwa gutorerwa umuti bwa bukwi.

  • Naje ndabashigikiye bwa Murezi!None abo ba DD vyose ni ukwirukana gusa?ETS ,Gikungu,.......Ni bahamagare Police kuko umengo niyo Recours bafise gusa!
    Ewe Burundi waragowe!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.