Accueil > Amakuru > Rwanda > Kigali: Simba Supermarket yahiye
 Kigali: Simba Supermarket yahiye
 Kigali: Simba Supermarket yahiye
				
				mercredi 20 Ntwarante 2013
Inyubako y’ubudandaji “Simba Super Supermarket” ikorera mu gisagara ca Kigali yatewe n’umuriro mw’ijoro riheze ryo ku wa 19 Ntwarante 2013, aho bimwe muvyari bihadandarizwa vyahiye biratokombera.
Ubuyobozi bwa Simba SuperMarket bumenyesha ko umuriro wadutse nka saha indwi z’ijoro, ariko bimenyekana haheze nk’isaha yose.
Gasana James umwe muri bene Simba Supermarket yaganiriye n’ikinyamakuru IGIHE, aho amenyesha ko umuriro watanguriye ku kibanza kibikwamwo frigo zishingura inyama, bikaba bishoboka ko watewe n’intsinga z’amatara zitari zifashwe neza.
Gasana amenyesha ko ivyahononekariye biharurwa hagati y’imiliyoni 30 na 40 z’amafaranga y’amanyarwanda.
Ku bwiwe iryo sanganya ntiribuza ko imirimo ya Simba Super Market  ibandanya ukuri kwamye,  aho yivugira ati; “N’uyu munsi turugurura”
Mu gisagara ca Kigali inyubakwa  zitandukanye zimaze igihe ziterwa n’impanuka z’umuriro kandi mu mwanya usa n’uwegeranye
Haheze  igihe kitari kinini urwego rw’igipolisi  rujejwe gukinga impanuka z’umuriro rutanguje inyigisho zijanye no kwirinda n’ukurwanya impanuka  y’umuriro mu banyagihugu hirya no hino.
Twibutse ko Simba Super Market yaraye ihiye ikorana n’ishirahamwe CORAR rikinga kandi rigashumbusha abahuye n’ivyago bitandukanye. Ubu ubuyobozi bwa Simba Super Market buriko buraharura ivyahononekariye kugira bazobisubizwe.
IGIHE

