IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Kirundo :Abanyarwanda babiri bafashwe bagirizwa gusuma urusaku

Kirundo :Abanyarwanda babiri bafashwe bagirizwa gusuma urusaku

mercredi 24 Ruheshi 2015

Abanyarwanda babiri bakorera ikigo c’abadagi kijejwe amashamba Wankara Ltd barafatiwe mu ntara ya Kirundo kw’igenekerezo rya 22 Ruheshi.Bagirizwa kuba bari baje gusuma urusaku.

Abo banyarwanda babiri bafashwe ni Joseph Mbonyicuti na Aimé Nkundabatware bose bakorera Wankara Ltd,ifise icicaro i Gacuriro ku murwa mukuru w’Urwanda i Kigali.

Umugore wa Aimé Nkundabatware wamenyekanye yabwiye ikinyamakuru Izuba Rirashe gikorera mu Rwanda ko, umugabo wiwe yavuye muhira kw’igenekerezo rya 22 Ruheshi agiye ku kazi aca agenda ahitwa i Gashora guhitana uwo bakorana,baca baja gukorera mw’ishamba riri ku rubibe Urwanda ruhana n’Uburundi.

Avuga ko bitumwe nuko bakoreshaga ikarata mu kazi kandi bikaba bigoye kumenya aho Uburundi n’Urwanda bihanira urubibe,basanze bashitse ku butaka bw’Uburundi batabizi baca bafatwa n’abarundi babita abasomyi b’urusaku,babajana mu Kirundo nk’isaha zitanu z’umutaga.

Umusore w’Umurundi yari atwaye umugore wa Aime Nkundabatware muri taxis voiture yamubwiye ko yabonye umugabo wiwe n’uwo bari kumwe bakubiswe cane.

Uwundi munyarwanda yaheruka gufatirwa mu ntara ya Muyinga yagirizwa gusuma urusaku,yamaze iminsi irenga 10 apfungiwe mw’ibohero rikuru ry’i Muyinga,mu nyuma ararekurwa.

Messages

  • Nonoho umu taxis man yababonye bakubitwa barashaya?ntabwoyabonye babafashe? mbeya yaratwaye uwomugore amujanyehe?

  • BARABACUNGA ABANYAGWANDA BARAFISICOBAGAMIJE MUBURUNDI NIBABAZE NEZA IKIBAGENZA

  • Barundi benewacu nagira mbabwireko mukwiye kurikanura kuko abanyarwanda ari abantu bagoye,ntakindi kibazana aho iburundi atari gusakuza no gushigikira abatutsi bari mumyiyerekano no kwonona igihugu cacu;nagira ndababwireko mugihe intambara yariko iba muri sudani y,epfo nahungiye muri Ethiopia nsangayo umunyarwanda afise permit;passport na karangamuntu yo mu ngagara .Bisigurako baraho kandi benshi;ari naco gituma ntera akamo umurundi wese aho uri hose mugihe ubonye abo bantu ukwiye kubwira umupolisi canke umutware akuri hafi kugjra bafatwe babazwe ico baje gukora;ica kabiri mucungere umutekano wanyu mufashanije n,igipolisi kuko ahatari amahoro harangwa ubukene.Ndabibutse kandiko amashirahamwe n,amaradiyo amwamwe azobasuka murudubi mukicuza nyuma ba MBONIMPA,KIRAMVU,MUHOZI na Pacifique bari Belgique.Hari nabanyepolitique batacibuka kahise kabo birirwa ku maradiyo yabarwanya inzego mwitoreye kugira berekaneko aribo bashoboye igihe mwariko mwicwa ataco babamariye.Ncuti nkunda RWASA na nyen,icubahiro president NKURUNZIZA bagahuza kuko nibene mugabo umwe nakahise kabo ntigatandukanye.Barundi burakeye muje mumatora mwime amatwi abangushi,abo batutse abana banyu ubwicanyi,bakibagira MICOMBERO na BUYOYA atari abamalayika.

  • Nibabahashe , kotwebwe bitworoheragusumurusaku mu Rwanda, eheraba twebwe dukirajuvugako duhunze bacabatwakirana yopmi, ubonako banezerezwanuko Burundi habaye akaduruvayi.

  • Ivyo bintu birimwo amahinyu, baribaziko igihugu c’uburundi rwitaha atabagikontorora bazebasubire kwigira gugu ngo bashitse i burundi batabizi, aho babucura twari munsi yurugi aho bazoze bigira abasazi biyambika ivyatsi namahuba turabe niho bovugako twafashe umusazi atazi ubwenge, kera avant 1990 niho tutari tuzi akamaro kigihugu, ntibaze bihende ngo hariho uwusinziriye. ngozi, kayanza, bubanza, cibitoke mwese nukurikanura ntibabace muryahumye ico mwiketse naho rwoba urunyegeri mumene, ifuku nayo nayo nukuyizura mwabino bihe saho kwanika amenyo.

  • Abarundi nshimishijwe nuko bamaze kuri kanura. Ubwo izo nkozi z’ikibi zo kwa Dayimoni mukuru Kagame zari zizi ko uburundi ari nka Congo. Nibaramuka kandi bateje ingwano muburundi nanjye hano muri America nzahasezera manuke mfate akabando tubahondagure mpaka Kigali-Nyamijosi.

  • NIMUNYARE HAS WMEBWE MWANDITSE IVYO BINTU MURAGASWERA

  • Ahaa Non Karashiz Ingani Uburundi Ntihagire Umunyamahanga Asubira Kubuhonyoramwo?Nimba Batari Bafis Ivyangombwa Kubafata Nivyo Mugabo Ntibirkuw Gukubita Umuntu Uwariwe Wese.Izo Mbonerakure Benewacu Bavuga Ngo Babahash Ataco Kandi Bonony Baracafis Umutima Mubi Nibigarur Kuko Nabo Uwobakubita Ntivyobanezereza.

  • Jewe ntabwo nshigikiye Nkurunziza, mbere nshaka ko yovaho, ari muzima canke yapfuye vyose ntakibazo. Ariko kandi nkeneye ko ivyo bikorwa na twebwe abarundi nyene tuzi ico ubwigenge ari co. Ntidushaka abanyarwanda kwishira muri ibi bintu vyacu. Kuberiki mutumva?? Turazi ko namwe mufise ibibazo bibahanze. Ehe raba kakagabo kagira kumagufa, mwita Kagame, gashaka guhindura ibwirizwa shingiro, Ehe raba america ntimushigikiye, Ehe raba umwe muri babicanyi banyu nako abasirikare banyu yafashwe, ari muri prison i London, ..... Mbega ivyo s’ibibazo bikwiye kwicarigwa? Nimureke abarundi twamaze kunyinyirigwa. Muhebe kwita munkono ishushe! Mukabandanya, Abanyagihugu twese turabahindukirira tumanze tubavuture, hanyuma tuce tugaruka kwikurako uyu nkurumbi w’umutwe ucuramye nka nyamitwe wiwe! Tubasavye mugire FULL STOP!

  • TWEBWE NKABANYAGIHU BOKUGWERU ABANYAGWANDA BADUTWAYE AMATO AROBA ARENGA 60 NONE KOBAFASHE UMWE MURIBO KOBACA BAKARA GOSE NIBIHANGANE NABO NATWE TWARAHEVYE

  • Uwutbizi!babay impumyi aho bavga kobisanz kugtaka kuburundi?banyarwanda reka k8vanga mubibzo vyuburundi.erega akatarets kabagasema!kndi igti ntigkora mujsho ka2.ehee!mukmez m8grabahinga.

  • wihora incuti ugahonya umurya ivyo udashako bokugira ntukabigirire andi piter azabundabunda vuye muri tanzaniya vyaramuryohey?narek nabanyarwanda bidegevy inkoni ukubita mugenzawe uyirenza urugo

  • Igishimishije nuko birangira mubarekuye kandi mukavuga ko bari abere. Hari uwanditse ngo u Rwanda ruranezezwa no kwakira impunzi z’abarundi!! none murashaka tubirukane, ko iyo mico mibi twebwe ntayo tuzi, kandi u Rwanda ruramutse rushigikiye ako kavuyo kanyu ntimwotinda kubibona, abanyarwanda ntabwo bajya mu bikorwa by’amateshwa nkibyo byanyu, twanyuze mu birenze ibyo mubona rero ni mukanure kuko vous etes manipulés par votre propre gouvernemt et peut etre muzi ukuri ariko vous etes aveuglés par la segregation ethnique! Hababaje abirirwa bafatwa ngo ni abasumyi b’urusaku, SO PLEASE WAKE UP, MUREKE GUKORA NK’IBITAMBAMBUGA NGO MURI MURI POLITIQUE!!!!

  • Izo mbonera kure ko zasaze none ko ari abakozi b’ikigo gishinzwe amashamba c’Abadage atari ica leta bihuriye he no gusuma urusaku mwashakishije irindi kosa aho riri mukareka guhohotera abantu ko arivyo mwatojwe nimba barenze umupaka nta vyangombwa bafise bibemerera kwambuka umupaka nibabibazwe haba kubahana bahanwe hakurikijwe amategeko canke babagirire ikigongwe wowe wiyita K ivyo uvuga nta shingiro bifise none wibagiye ko ari Abarundi bene wanyu babitanga? ko utahise ubibwira abapolisi ngo bamufate? n’ukuvuga ko watinye kubivuga kubera ko wari ufise ivyo mubushinwa. Nyuki we reka kuvugira aho guruka uje gufasha interahamwe mu burundi

  • Izo mbonera kure ko zasaze none ko ari abakozi b’ikigo gishinzwe amashamba c’Abadage atari ica leta bihuriye he no gusuma urusaku mwashakishije irindi kosa aho riri mukareka guhohotera abantu ko arivyo mwatojwe nimba barenze umupaka nta vyangombwa bafise bibemerera kwambuka umupaka nibabibazwe haba kubahana bahanwe hakurikijwe amategeko canke babagirire ikigongwe wowe wiyita K ivyo uvuga nta shingiro bifise none wibagiye ko ari Abarundi bene wanyu babitanga? ko utahise ubibwira abapolisi ngo bamufate? n’ukuvuga ko watinye kubivuga kubera ko wari ufise ivyo mubushinwa. Nyuki we reka kuvugira aho guruka uje gufasha interahamwe mu burundi

  • IGIHUGU C’UBURUNDI KIRAFISE AMATEGEKO KANDI ARATOMOYE.SI VYIZA KWINJIRA MU GIHUGU ATARI ICANYU UNYUZE MU NZIRA ZITAZWI KANDI ABABIJEJWE BATAKWEMEREYE KWINJIRA.UWINJIYE MURI UBWO BURYO HARABWE ICO ITEGEKO RIVUGA.

  • Okay,ushobora kuba urwaye mu mutwe.Niba harugukunda azakuzane tukuvure.Ino turavura neza abantu nkawe.Banza umenye iby.iwanyu kuko ur’umuswa.injiji yo yigishijwe iramenya.

  • Nibabafate Babaze Ico Bashakaga Kuko Muburundi Ntirwitaha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.