IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kongo: Abajejwe intwaro bamenyesha ko bafashe abagomba gutera (...)

Kongo: Abajejwe intwaro bamenyesha ko bafashe abagomba gutera Uburundi

mardi 12 Nzero 2016

Abajejwe intwaro muri Republika iharanira Demokrasi ya Kongo bavuga ko bafashe abantu mw’ikambi y ‘impunzi ya Lusenda bashaka kwinjiza impunzi mu migwi y’abarwanyi.

Iyo kambi iri mu karere ka Ruzizi muri Kivu yo mu Bumanuko, ibamwo impunzi z’abarundi bahunze indyane za politike zatanguye kwibonekeza mu mpera z’ukwezi kwa kane mu mwaka uheze w’2015.

Igisirikare ca Kongo kivuga ko kimaze gufata abashika ku 35, bari bafise amakarata y’itora yo mu gihugu ca Kongo, yari kubafasha kurengana imbibe nk’abanye Kongo kandi ari abarundi.

Ico gisirikare kandi kivuga ko ibikorwa vyo kubarondera bibandanya. Kivuga ko intumbero abo bafashwe bari bafise,yari iyo gutera Uburundi.

Ishirahamwe Refugees International mu mpera z’umwaka uheze wa 2015, ryasohoye icegeranyo aho ryemanze ko impunzi z’Abarundi ziri mw’ikambi ya Mahama mu gihugu c’Urwanda, zinjizwa ku nguvu mu mugwi witegurira gutera u Burundi.

Ariko Reta y’Urwanda yarahakanye ayo makuru.


IGIHE

Messages

  • emwe ugwimbwa. ruraze noneho , nonegayemwe iyomigwi. yabihevyi. bashaka gutembagaza. reta yabujumbura , egwe da!!!

    bayo!!! jew mbona atariheza
    muri.
    - Congo bahigwe buhongo babiruleko. nibirengebishuhe

    - Tanzania bahigwe buhongo
    - uganda bahigwe bukware

    emwe ntivyoroshe da! hasigaye kwunva abayobozi babo nabo bafatiwe. ibihano vyimitahe mpuzamakungu.

    uwuzotera uburundi azoba ateye ibibihugu bikurikira:

    uburusiya, ubufarasa, chine, kolea, angola , sound Africa, tanzaniya, Congo, Uganda, Zimbabwe, somalia, cetrafique ,......,.........,.........,.........,..........,

    ikibazo ciburundi. nikibazo kigoye cane kandi gifise ingaruka mbi kwisiyose kandi intambara ishobora kuzoba muburundi ishobora kuzoba. irusha imbaraga iyirikuba mugihugu ca Syria canke iyabaye muri lybia

  • Ibyo ntibitangaje kubon’abobarundi bafite ama carita ya Congo. muribuka ko umugwi wa M23, uhunga, wasahuye yamamachini yumurwi CENI asohora ama carita ( Carte d’électeur)
    Ayo ma machini yasahuwe ahitwa Kiwanja muri Rutshuru. Bigaragara ko abo barwanyi ba M23 aribo bakorera abo barundi amacarita.
    Ikibabaje n’ukubona, inkozizibibi zose zumva, zanyura muri congo zija guteza umutekano muke mubihugu zaturutsemo.

  • Nn Nkabant Biyunvira Gutera Uburundi Ntibaziko Dufise Igisirikar Gikomey.

  • Nibatuzanire twimenyere ico tubakoza narababwiye ko mukuzimu tuzobatuma ifuku mukirere inkuba mumazi ingona bazohera nkifu yimijira biyamvya kuri nkurunziza bazobaze abo twahuriye mutakura ,ngagara,musaga,nyakabiga... Iryinyo kurindi ijisho kurindi tuzorabe abomoka twarashitse hatuwezi kurudinyuma ni songa mbere.

  • Iyo kambi ni ukuyitwika nta kundi kandi biroroshye. Nabonye iko kongo inkotanyi zabigenzaga. Twabaga ahitwa Chimanga muri kivu yepfo nuko inkotanyi zigatega greanade mwisoko ubwo abakogomani bagahita baduka mumunzi zagiye mwisoko bakazicumita ibyuma. Namwe rero barundi nimushake utwo dukoresho mudutege mumasoko yaho izo mpunzi ziri murebe kotababohereza izo nkozi z’ikibi mutarushye.

  • bizohinduka kiang

  • abantunkabo bakwiye kubazwaneza uwabatumy

  • REKA BUCE TUBIRABE. ICO TWIFUZA N’ AMAHORO N’ UMUTEKANO KU BARUNDI TWESE ATA VANGURA RY’ UBWOKO CANKE AMA QUARTIERS. AMAHORO YUBAHIRIZA IBWIRIZWASHINGIRO NA ARUSHA. KIMWE GUSA IBIGANIRO BIBE ARIVYO BIJA IMBERE KU MPANDE ZOSE.

  • Yoo imana idufase nukuri ntitugwe mumanga.

  • Eeeeeeeeeeh abafashwa ndabahaye pore sana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.