IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > ’’Ku myaka 35 umukobwa akiri inkumi aba atanguye kuribwa mu nda’’

’’Ku myaka 35 umukobwa akiri inkumi aba atanguye kuribwa mu nda’’

mercredi 27 Munyonyo 2013

Abantu bose baremwe, bafise amagara meza barafise muri bo, agatima k’urukundo. Ako gatima n’ibindi biremwa nk’ibikoko biragafise. Kuko navyo birakunda. Urukundo abantu bakundana, ruratandukanye bivanye n’umuntu. Ukwo umuvyeyi akunda umwana, si ryo umugore akunda umugabo wiwe, ukwo umuhungu akunda uwundi umukobwa siko akunda mushiki we.

None umukobwa akunda umuhungu ameze gute? N’igiki gituma uwo mukobwa ahitamwo umuhungu kanaka mu bahungu isinzi bahura nawe? Mbega biva ku bwiza bw’umuhungu? Mbega biva ku matungo afise? Canke ku muryango avamwo? Ibibazo umuntu yokwibaza ni vyinshi cane.

Urugero rw’urukundo ku mukobwa rugenda ruhinduka ukwo agenda akura mu mwanya, canke ater’imbere mu mashuri. Bivugwa ko ku myaka cumi 12, umukobwa aba atanguye kwuyumvamwo urukundo rw’umuhungu. Kuri iyo myaka, si bose biyumvamwo urukundo bivanye, naho bakuriye, n’ ukwo barezwe. Muri iyo myaka aba akiri umwana wa nyina, umwe arenze irembo bategerezwa kumenya iyo agiye. Uwo ntarubanza ashobora kumara wenyene, atajanye n’abo bavukana canke abavyeyi. Aho rero ashobora gukunda akavyigumizamwo, akagira isoni canke agatinya igitsure c’abavyeyi, c’abo bavukana canke c’ababanyi.

Hagati y’imyaka 13-16, urugero rw’urukundo mu mukobwa ruba rutanguye kwaka nk’urubeya. Baba batanguye kugenda biyerekana nk’abakobwa bakuze. Ni imyaka yo kuja mu butinyanka, gusonga amabere eka n’ibindi bimenyetso. Umwana w’umukobwa yibonyeko ivyo bimenyetso, aca atangura gukengera uduhungu bigana mw’isomero, maze bakikundira imisore ibaruta kure. Kuri iyo myaka, umukobwa, aba ashaka kwambara neza, gufita imishatsi, kwama aja ahabona nko mu birabo, mu butambiro n’ahandi kuko bafata nk’abari mw’ihiganwa ry’ubwiza. Muri ico gihe, urukundo rwabo rwerekeza ku bahungu bafise amahera, beza, bazwi cane nk’abaririmvyi, abakinyi b’ibihangange. Arashobora kumubona ku mboneshakure akumva yomubera umukunzi wiwe. Aha rero, nta kibazo c’ejo hazoza ari ku mwe n’uwo yita umukunzi wiwe, amukundira ukwo amubona canke ivyo amubonana.

Hagati y’imyaka 17-20, urukundo rutangura guhinduka. Abakobwa bava mu miryango itifise baba bariko biyumvira uwuzobarihira za kaminuza, maze bagashaka abasore bafise. Ku mwaka 21-25, umukobwa abatanguye guca akenge. Aha yerekeza ku muhungu w’akamaro, bashobora kwubakana, umwe afise imico myiza aho abaye canke afise kazoza. Bwa bwiza canke gukunda uwo babonye ku mboneshakure biragabanuka canke bigahera.

Ku myaka 26-35, ingorane ziratangura, umukobwa ntaba agihitamwo kuko aba atanguye kwihebura, ko abuze uwo bakundana. Indwara zimwe zimwe zitangura kwibonekeza, nko kumeneka umutwe, isevu, kuribwa, eka n’izindi. Aha rero, umukobwa aba amaze kubona ibitari bike mu buzima bw’urukundo: guhebwa n’uwo yakunze, gutwara inda, kwirukanwa iwabo,..Benshi batangura kwipfuza uwoza yitwa umugabo, uko asa kwose, atunga canke akena, gusa yitwe umugabo yoshobora ku murongora. Abarongoranye mw’iyo nzira, ingo zabo haraho zitarama kuko aba yamukunze kuko abuze uko agira.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.