IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Kwigisha mururimi kavukire vyagabanya ibitigiri vyabatazi gusoma (...)

Kwigisha mururimi kavukire vyagabanya ibitigiri vyabatazi gusoma n’ukwandika

jeudi 21 Ruhuhuma 2013

Ukumwaka utashe, amakungu arahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe ururimi kavukire. Umuyobozi mukuru w ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho indero UNESCO ririfadikanya n’ibihugu birihurikiyemwo mugutanga ubutumwa n’intumbero y’umwaka.

Umusi mpuzamakungu wahariwe ururimi kavukire wama uhimbazwa uko umwaka utashe kuwa 21 ruhuhuma. Ukaba watangujwe m’umwaka w’1999 utangura guhimbazwa hanyuma y’umwaka umwe mu 2000.

vyavuye munama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu UNESCO ryitaho ubumenyi n’indero yo kuwa 16 rusama 2007. Muriyo nama kandi hasabwe ibihugu biri muri UNESCO ko vyokingira bikanatezimbere indimi zose ninaho havuye umusi mpuzamakungu wahariwe indimi mu mwaka w’2008.

Kwarukugira habe ubumwe mubudasa biciye mukuvuga indimi n’ukuba mumico bitandukanye. Iyi tariki ya 21 ruhuhuma ikaba yatowe mukwifadikanya n’abanyeshure bishwe n’igipolisi muri Dhaka ubu ar’umurwa mukuru wa Bangladesh mugihe bagira imyiyerekano basaba ko ururimi rwabo kavukire’ le Bengali’ ruba urugira kabiri muri Pakistani yo murico gihe.
No mu 1952, abanyeshure batanu b’i Dacca baratanze ubuzima bwabo barapfa kugira le Bangla ururimi rwabo kavukire rwemerwe kumugaragaro muri Pakistani y’ubuseruko yahindutse Bangladesh.

Ivyo bikorwa bibiri nivyo vyatumye indimi zigera ibihumbi indwi (7.000) ziri kw’isi zubahirizwa. Uwo musi rero nguje ufasha muguhimiriza kw’abantu bobana mubudasa bwabo mumico n’akaranga. Ng’uwo musi kandi utuma ugukumirana n’ukwinubana bigabanuka bigateza imbere indero kuri bose.

Mw’itangazo ry’uwurongoye ishirahamwe mpuzamakungu Unesco Umupfasoni IRINA BOKOVA mur’uyu mwaka w’2013, ngo n’akaryo keza ko kubona akamaro k’indimi mu kumenya amamuko y’abantu n’imigwi y’abantu mumibereho yose y’abantu. Amenyesha ko ashigikiye cane ko abana bose bigishwa mundimi kavukire bituma ukutiga bitsindwa, bose bakiga mururimi bumva bategera. Amenyesha ko kwigishwa mururimi kavukire bituma abantu bose bahurumbira ubumenyi kuko baba bavyigishwa muririmi rwabo ruba kenshi ruhuje n’akaranga.

Uyu mwaka akaba avuga ko UNESCO ishir’ imbere kuraba isano riri hagati y’URURIMI n’ IGITABO. Agaruka kukamaro k’igitabo gikwiye kubungabungwa. Ururimi kavukire n’igitabo rero ngo n’ibikoresho bitezimbere indimi, bigafasha kwerekana muri kahise k’indimi ingene zatey’imbere. Irina Bokova ashikiriza ko ivyo bikoresho bibiri ar’inkingi y’imiryango n’ubumenyi bikaba ari navyo bituma haba ukwishira n’ukwizana mugushikiriza iciyumviro n’indero n’ubumenyi kuri bose.
Icivugo c’uyu mwaka w’2013 kikaba ari igitabo, ishimikiro mukwigisha mururimi kavukire.


Bazikamwe Reverien

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.