IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Kwigisha ni umwuga usaba akarangamutima bijanye

Kwigisha ni umwuga usaba akarangamutima bijanye

mardi 19 Ntwarante 2013

Ubushikiranganji bw’inyigisho mu mashure mato mato n’ayisumbuye, kwigisha abakuze gusoma no kwandika bufatanije n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho indero Unesco, baratunganije inyigisho nkarishabwenge ku bigisha, zijanye n’akarangamutima k’umwuga wo kwigisha, kuri uno wa 18 Ntwarante.

Mwijambo ryiwe, umupfasoni Josephine Ntahobari, umuhuzabikorwa mu biro vya Unesco hano mu Burundi, yamenyesheje ko kwigisha bikomeza imigenderanire hagati y’umwana na mwigisha wiwe. Avuga ko kwigisha atari umwuga usanzwe nk’iyindi kuko nk’uko abandanya abivuga, umwana muri kazoza ubuntu agira buva ku ndero aba yarahawe, iyo nayo abigisha bakaba bayifisemwo uruhara ntangere.

Ingingo ngenderwako rero zashikirijwe abigisha muri urwo ruganda, zizotuma bamenya ico babwirizwa gukora, mu ntumbero yo guha abo bashinzwe indero n’inyigisho bibereye. Umupfasoni Ntahobari abona ko ivyo bije kwongereza umwizero ku bigisha. Anavuga ko ishirahamwe mpuzamakungu Unesco rizokwama ryitaho ibijanye no kunagura igisata c’indero.

Umugenduzi w’inyigisho mu mashure yisumbuye Corinthe Nzohabonayo, yamenyesheje ko izo ngingo ngenderwako ku bigisha zategekanijwe mu ntumbero yo kwongereza ubumenyi abigisha, ibizobafasha kumenya uko bitwara imbere y’abanyeshure, na cane cane ko hari igihe abo bishika bagaha abana ibihano birenze.


Jean Michel Ndayikengurutse

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.