IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > La Haye : Uhuru Kenyatta atandukanye na Omar El Bechir

La Haye : Uhuru Kenyatta atandukanye na Omar El Bechir

mercredi 8 Rusama 2013

Mu rugendo umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta arimwo mu gihugu c’Ubwongereza mu ntumbero yo gutorera umuti ingorane zihanze igihugu ca Somaliya, amashirahamwe mpuzamakungu ajejwe agateka ka zina muntu yarateye ivyatsi urwo rugendo rwa Kenyatta kuko asanzwe aronderwa na sentare mpuzamakungui y’i La Haye.

Kuri ivyo vy’imyiyerekano y’amashirahamwe mpuzamakungu, umuvugizi wa sentare y’i La Haye yamenyesheje kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 7 Rusama 2013, ko kubivurwa n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu ku bijanye n’umukuru w’igihugu ca Kenya ko bovyitondera kuko kuri ico kibazo Kenyatta yavyitwayemwo neza.

JPEG - 22.1 ko
Umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta

Umuvugizi w’iyo sentare mpuzamakungu amenyesha ko kenyatta amaze kwerekana ko ashaka kwisigura kuvyo arerwa, ivyo vyose yavyivugira we nyene mu gihe c’amatora n’inyuma y’amatora ko azishikira muri sentare mpuzamakungu mu kwezi kwa Mukakaro kuza hamwe sentare yomutumako.

Umuvugizi w’iyo sentare aheraheza amenyesha ko Uhuru Kenyatta atandukanye rwose na Omar El Bechir umukuru w’igihugu ca Sudani kuko wewe atarigera na rimwe yishura kuvyo arerwa n’iyo sentare.

Twobamenyesha ko uwo bagirizwa bimwe na sentare ariwe William Ruto, atacitavye muri nya sentare kw’igenekerezo rya 17 Mukakaro, bikaba vyashizwe ku rindi genekerezo ritaramenyekana.

JPEG - 25.1 ko
Omar El Bechir umukuru w’igihugu ca Sudani

Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.