IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Laurent Kavakure avuga ko imfashanyo zaronkejwe Uburundi zizokora ivyo (...)

Laurent Kavakure avuga ko imfashanyo zaronkejwe Uburundi zizokora ivyo zigenewe

mardi 3 Kigarama 2013

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Laurent Kavakure, yashize imikono ku masezerano y’imfashanyo yo gutsimbataza amahoro mu Burundi, amafaranga yatanzwe n’ubuserukizi bw’umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakunfgu ONU mu Burundi. Mu nyuma, hakaba haciye hashirwa umukono ku yandi masezerano y’imfashanyo yatanzwe n’ubuserukizi bwa Reta zunzubumwe z’Amerika, imfashanyo izofasha mu gisata c’amagara y’abantu.

Mu masezerano y’imfashanyo irenga amadorare y’Amerika angana n’imiriyoni cumi na zitatu, iyo mfashanyo ikazofasha mu gisata co gutsimbataza amahoro mu Burundi na cane cane gufasha urwaruka mu buzima bwa poritike, gufasha mu ngorane zibonekeza mu gisata c’amatongo eka no gutatura amatati bitarinze kuja mu migere.

Ku bwa Parfait Onanga Onyanga, aserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, ishirahamwe aserukira mu Burundi, atako ritazogira kugira rigume rifasha Uburundi mu gisata co gutsimbataza amahoro, eka no gufasha kugira izo ngorane zijanye n’indyane zihungabanya umutekano mu Burundi zihere.

Inyuma yaho, Laurent Kavakure, akaba yaciye ashira umukono ku yandi masezerano y’imfashanyo yatanzwe na Reta zunzubumwe z’Amerika. Iyo mfashanyo yarenga gatoya imiriyoni cumi z’amadolare y’Amerika, izofasha mu gisata c’amagara y’abantu nk’uko umushikiranganji w’ugufashanya kw’Uburundi n’ayandi makungu yabivuze.

Umushikiranganji Kavakure akaba yabandanije avuga ko ayo mafaranga azofasha mu bijanye n’irwirirana ry’abantu,mu gisata c’amagara y’abavyeyi n’ibibondo, kuvyara ku rugero, akazofasha no mu kurondera imwe mu miti y’abagendana umugera wa sida, imaze iminsi ibura mu Burundi.

JPEG - 3 Mo

Umupfasoni Dawn Liberi aserukira Reta zunzubumwe z’Amerika mu Burundi, akaba yamenyesheje ko iyo mfashanyo itanzwe n’abanyagihugu bo muri Reta zunzubumwe z’Amerika ku barundi, yizeye ko izogira ico ikoze kiboneka mu gisata c’amagara y’abantu. Kuva mu mwaka w’2008, abanyagihugu ba Reta zunzubumwe z’Amerika bakaba bamaze gufashisha abarundi amadolare y’Amerika arenga imiriyoni ibihumbi 60 mu gisata c’amagara y’abantu gusa.

Umushikiranganji Kavakure rero akaba yashimye rwose izo mfashanyo, ndetse akaba yabariye umupfasoni aserukira Reta Zunzubumwe z’Amerika mu Burundi na Parfait Onanga Onyanga, ko imfashanyo zose bari bahejeje gushikiriza Uburundi, zizokora ivyo zigenewe, ndetse zigashikira n’abo zigenewe.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ndakunda umushikiranganji wimigenderanire y’Uburundi nayantimakungu Laurent Kavakure.
    Kandindakunda
    Uyumuvyeyi Parfait Onanga Onyanga aserukira umunyamabanga mukuru wa UNU muburundi ndamukundagayemwe! sinzi ukuntu nobisigura! Arakunda u Burundi Nabarundi bimwevyahatali kandi arabonekana kwafise umutima wikigongwe. UNU irafise abantu bashoboye bazigukora ivyoyabatumye koko.

  • Amerika nabenegihugu Imana ikomeze kubahezagira (America and citizens God contimue blessing you)

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.