IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Léonce Ngendakumana yagirizwa gutyoza CNDD-FDD na REMA FM

Léonce Ngendakumana yagirizwa gutyoza CNDD-FDD na REMA FM

jeudi 17 Ndamukiza 2014

Léonce Ngendakumana arongoye umugambwe FRODEBU hamwe n’urunani ADC Ikibiri, yarengukijwe muri sentare ikukira mairie ya Bujumbura, yariko arabazwa ahanini ikete urunani ADC ikibiri rwandikiye umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Igihe yarenguka kuri uno wa kane igenekerezo rya 17 Ndamukiza, Léonce Ngendakumana yinjiye nk’igihe c’isaha zitatu aho yaragiye kwumvirizwa. Inyuma yaho, yaciye ajanwa mu biro vy’icariho c’umushikirazamanza mukuru wa parike ikukira mairie ya Bujumbura. Akaba yamaze amasaha atatu arenga ariko arabazwa.

Nk’uko tubishikirizwa n’uwusanzwe amuburanira Fransisko Nyamoya, Léonce Ngendakumana yariko yisigura kw’ikete urunani ADC IKIBIRI yandikiye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu kwezi kwa Ruhuhuma, aho urwo runani rwavugamwo ibitari bike bigenda nabi muri kino gihe mu gisata ca poritike n’umutekano. Umushingwamanza wiwe avuga ko Léonce Ngendakumana, ataryanditse ku gatwe kiwe ahubwo yaryanditse ku gatwe k’urunani ADC Ikibiri.

Ikindi kandi uwo mushingwamanza avuga, ni uko batigeze bahakana ibiri muri urwo rwandiko, kuko ibiri muri urwo rwandiko bavyemanga ,nk’akarorero ku vyo bavuga ku Mbonerakure, avuga ko atari agaseseshwarumuri bihari n’amasanamu barayafise.
Ikindi naco insamirizi Rema FM hamwe n’umugambwe CNDD FDD bamwagirije kuba akoresha imvugo zibartyoza . Kuri ico, umushingwamanza wa Léonce Ngendakumana avuga ko ivyo bavuga babifitiye ivyemezo, hariho amajwi menshi yafashwe yerekana ko iyo radiyo ikoresha imvugo yo gucanishamwo abantu no guturira.

Ku bivugwa naho ko umugambwe CNDD –FDD woba uvuga ko bartyojwe muri urwo rwandiko, Fransisko Nyamoya biramutangaza cane mbere avuga ko muri iryo kete ahantu honyene bavuga umugambwe CNDD-FDD ari agace kavuga ko uwo mugambwe ushaka kugarukana intwaro y’umugambwe umwe. Bavanye rero n’umushikiramanza bemeranije ko ku munsi wa mbere igenekerezo rya 21 Ndamukiza, bazozana ivyemezo bavuze yaba amasanamu ajanye n’Imbonerakure n’ayo majwi acanishamwo abarundi, insamirizi Rema FM hamwe n’Umugambwe CNDD FDD bakazoza kumwagiriza.

Ku vyerekeye naho isano riri hagati y’urwandiko ruherutse gushirwa ahabona na ONU , umushingwamanza Nyamoya ntaco yashimye kubivugako, ariko agahanura abantu kutaza barapfa ivyo bavuze vyose kuko kuvuga ko ONU yoba yakoporoye ivyanditswe n’urunani ADC Ikibiri ni nko gutuka urwego rukomeye nk’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Mukamenya ko Leonce Ngendakumana yari yaherekejwe n’abanywanyi batari bake ba ADC Ikibiri, barimwo n’abo basangiye umugambwe wa Ndadaye. Eka mbere na bamwe mu bakozi b’ubuserukizi bw’ibihugu bimwe bimwe bakaba ariho bari bari.


Floxella Karire

Messages

  • Komera Leonce,wewe urumugabo utarya umunwa.

  • Ewe burundi wagiye waronka abatware?ariko DD mumitwe yabo barakomeye ?amaraso nimabi murabona ingene aguma ababizA,imisi yose baba bafise uwobashakA kwica ncanke kureganya?leonce komera hari umusi imana yateguriye uburundi nawo urihafi

  • Komera mutama ukuri kuzoja ahabona "ONE DAY"ikinyoma,ubwicanyi bwambaye ukwiyoberanya,n’igiturire bizoja muri sentare vyanse IBurundi ICC irahari!!Ayo ma épreuves arakwiye kunyegezwakure kugira Ababikora bose bazokubitweintahe mugahanga!!

  • Abatazi uwo mutama Leonce nibo bamucafuza uwo atandukanye nabantu benshi. Umutama Leonce afise umutima w’ikigongwe numuntu umutuye ingorane ayifata nkiyiwe jewe yaranfashije atanzi andihira ishuri atanzi nava mu ntara ya MWARO urunva kataho twari tuzinanyekandi icogihe abo yafasha baribenshikurihira ishuri bamwe mu banya KAMENGE barabizi kuko twarahurira iwe , nubu naho navuye mu BURUNDI aracari ku mutima wanje IMANA mushobora vyosi ibane nawe mubihe ariko aracamwokandi ndazi ko imana izomuberiumu avocat kuko ataco azira na BARWEMBE bazira ukiri baridengemvya

  • Erega sagaseseshwarumuri ayo masanamu arahari ibubanza abandi bahaye baradefilninyambarozumugambwe nizigisoda.ahubwo leta niyikebuke.Umukuru wigihugu nareke guhendwanabamwe mubisungerezi vyisirikarenigipolisi.niperereza.niba aba dd vyabananiye guutwwara nibatangeimihoho.

  • Leonce komera abarundi tukuri inyuma naho abo ba cndd fdd ivyabo bizobatekurukana ikintu cose kigira intango niherezo nabo bazova kubutegetsi itwara ryabo riraruhije abarundi nababubamwobose!!!!

  • Jewendumutegetsi mfisububasha Leonce Ngendakumana nubwoyogirikosha ribonekako akwiyegufungwa sinomufunga kuko ivyavuga birafasha kubonako aba opose bomuburundi bavugibintu bidafashe, namwemumbarire, nikihegihugu cigeze gifatwa kirikokirategura Genucide? nimukimbarire muti igihugu runaka carigeze gufatwa kirikokirategura Genucide; jewe kuberanzi ububi bwa Genucide nkacanumva ngo reta yuburundi yagirijwe gutegura jenocide numva iryobara yambitswe nambahariho ahoyorega numva yarikwiye kurega mugihe abayambitse iryobara bobabatayisavye imbabazi. Ikintugishobora kwemezako jenocide iriko irategurwa ninzadiko zanditsemwo ibivugango : tuzohera kurabanaba tubicetubamare, Icocofasha kukohobahariho izandiko canke amajwi yafashwe barikobarapanga gukora iyo Genucide vyosumba kuvugango muburundi ngo hariho abahawe ibirwanisho ngoharimwo nibipanga jewenagombandababwireko muburundi hafiyaburimuhanawose ubufise igipanga, none ni reta yabihaye abobenegihugu? Ivyobindibirwanisho nubwonziko atabirwanisho reta yatanze, nashaka kubabwirako kubonibirwanisho ntabwobisigurako hagombakwicwa abantu bomuricogihugu ubibonyemwo, harinigihe bibabiriko birabandanya kwihinkumbi mubindibihugu ataraho mwicogihugu ubibonyemwo, Nkakarorero ibihugu bikora ibirwanisho keshi ivyobirwanisho ntivyica abantu bomuricogihugu bikorerwamwo bikunze kujakwihinkumbi mubindibihugu. Kubwivyorero jewe ukondabibona nuyumwanya ndikondandika ibirwanisho birikobiranyurangana mubihugu bitandukanye vyokw’Isi kandibirikobiraja kwihinkumbi ahantutuntaramenya, none ivyobihugu bicamwo ivyobirwanisho tuvyiteko birimwo birategura Genucide? Mbere tucaduhera kwabiryabihugu bicura ibirwanisho tuvyagirizeko birikobirategura Genucide!!! Muvyukuri jewe nubwondumuntumuto ariko ntabwondicoroshe nta reta yuburundi iriko irategura Jenocide mbabajwe nabanyagihugu musizemwo ubwoba baribasanzwe bifitiyinzaranone murongeye kubakomeretsa mubisebe vyomumitima bitaribwanakire vyavuye murikahisekabi twaciyemwo! mboneyeho nokuremesha abenegihugu bomuntara ya Bubanza na Bururi kuko arizo abangushi baraho bashingiyeko mukuvugako ariho harunzwe ibirwanisho.

  • Gushimagiza uyu canke uriya ntago bizokiza uburundi n’abarundi ahubwo bizobateranye hashike ivyo benshi bipfuza nkuko vyamye hama hame haririmbwa ngo NTIBWIGEZE BURWA MWISANGANYA kandi inganda ziitigeze zireka kuwa ngira nuko hicwa abadafise kivugira "ABAHUTU". Ico mwomenya nuko uwotegura Génocide aruwutazi ingaruka zayo kubayikoze, Cfr Rwanda. Ko irwanda higishwa Hagakoreshwa Gutsembatsemba, ino naho bakoresha iki? Ko nzi Musaga, Nyakabiga et Ngangara huzuye inkoho zokwivuna abo bimye bita abansi babo, kumbe zari zatangiwe kubagirira Génocide hama imana irakinga baba benshi badahera? Ou vyari ivyiki ga benewa? Ndabarahiye ukuri ko ubwicanye buri mumitwe yabarundi butazigera butwemerera gutera imbere. Cira imoso, reka kwipfuza le contraire yivyo mwipfuriza benewanyu ngo bifate sens yi Rwanda aho bene kwicwa aribo biswe abicanyi Génocidaires.

  • ndababwire ico pierre nkurunziza agomba azokironka pe.ntiyibaze ngo turahuniye canke ngo turimbur
    amabo.arindire nawe azosubirizwa munkoko.

  • UWO YIYITA UMUTEGETSI , ABANDANYE KU BUTEGETSI BWIWE, ARIKO IBISAKA VYIMBWA BIRIKO BIRASA,MBE NKUBWIRE IYO MUBA MUZI UBWENGE MWARI KWEMERA AKABI MUTAREMEZWA AMAVIDEO, ZA SATELLITE ZA ONU CANKE ZIBINDI BIHUGU RUTURA ZIRI HEJURU YANYU MWA BIJUJU! MWIBAGIYE KO BASHOBORA NO GUFATA COMMUNICATION ZOSE ZIGIHUGU BAKAZIKURIKIRANA MWE MUTABIZI?
    BWIRA ABA FDD CNDD BEMERE BAVUGE BATI SORRY IYO NIYO IMARA AMANYAMA ABAZUNGU NAYAHANDI MUZOBA NKUMUGABO UMWE
    YAKUBISE UMUGORE WIWE MURI AUSTRALIA HANYUMA ABONYE APFUYE ACA ATURIRA INZU NGO NTIBIMENYEKANE ARIKO BARIHOREYE MUKO
    URUBANZA RUSOMWA BAMUZANIYE VIDEO YUKO VYAGENZE ARUMIRWA

    NAMWE NIKO MUGIYE KUBA

  • Wewe wiyita MAMA umbabarire ngusabe wiyite NKUMI kuko ivyo uvuga mu kwandika wirengagiza amarira y,aba mama benshi mu Burundi mugabo nivyo kuko wibereye hanze ntawawe agowe nico gituma utamba abandi kumuvyimba.ariko nkuwavyaye azi igise c,umwana wogerageza kudahengama ukuri ukakuvuga uko kuri kuko naho utakuvuga kuguma kukwagiriza.umbabarire nimba nkubwiye nabi

  • Erega leonce ntibamwagiriza akurikiranwa kuvyo wenyene ubwiwe yivugiye hanyuma ntiyaheza ngo atange ivyemezo.abarundi nibbamenyere kutaza barahuruduka mu mvugo zabo,kuko nul n’est sensé ignorer la loi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.