IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Léonce Ngendakumana yarungikiwe umutahe wo kwitaba ubutungane

Léonce Ngendakumana yarungikiwe umutahe wo kwitaba ubutungane

jeudi 17 Ndamukiza 2014

Umukuru w’urunani ADC Ikibiri, Léonce NGENDAKUMANA yarungikiwe umutahe wo kwitaba ubutungane kuri uwu wa kane igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2014.

Sentare ikukira Mairie ya Bujumbura yarungikiye Léonce NGENDAKUMANA, umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, akaba n’umukuru w’urunani ADC Ikibiri, umutahe wo kwitaba ubutungane kuri uwu wa kane igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2014.
Kuri uwo mutahe, ubutungane bw’Uburundi bwamenyesheje ko bushaka gukora amatohoza ku kete Léonce NGENDAKUMANA yandikiye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-Moon amumenyesha ko mu Burundi hoba hariko harategurwa ihonyabwoko.

Léonce NGENDAKUMANA arungikiwe uwo mutahe wo kwitaba ubutungane mu gihe umugambwe CNDD FDD waheruka kumenyesha ko ugiye kumwitwarira. Kuva aho bamenyeye ko Léonce NGENDAKUMANA yandikiye Ban Ki-Moon, mu mugambwe baciye nabo bandikira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU babeshuza ivyari vyashikirije na Léonce NGENDAKUMANA.

Muri iryo kete ry’umugambwe uri ku butegetsi ryarungikiwe Ban Ki-Moon ku genekerezo rya 12 Ntwarante 2014, ryabaye nk’irije guhinyuza iryari ryarungitswe na Léonce Ngendakumana, umukuru w’urunani ADC Ikibiri. Umugambwe CNDD FDD umenyesha ko ivyashikirijwe na Léonce Ngendakumana vyerekana ubwigenge burenze mu gushikiriza ivyiyumviro, ubwo bwigenge nabwo bukaba, kubwa Pascal Nyabenda bwatanguranye n’umuzo wa CNDD FDD ku butegetsi. Baciye bamenyesha ko bagiye kwitwarira mu butungane Léonce Ngendakumana, umukuru w’urunani ADC Ikibiri, kuko bamwagiriza ko yashikirije ibinyoma mu kuvuga ko mu Burundi hashobora kuba ihonyabwoko.

Umutahe wo kurenguka ubwa mbere mu butungane Léonce NGENDAKUMANA yawuronse ku mugoroba wo ku munsi w’ejo kuwa gatatu, akaba ahava arenguka muri sentare ikukira Mairie ya Bujumbura kuri uwu wa kane.


Egide Nduwimana

Messages

  • Iryo. Niterabwoba nareme ntaco bazomugira .Imana iramubona.niyitabe ata bwoba amakungu arazi ibiriko biraba mu burundi.hama ukosore si NGANDAKUMANA. Wihenze,ni ngendakumana.thanks!

  • bwana leonsi reka guteranya abantu uvugako hagomba kuba ihonyabwoko mbega wewe uva mubwoko nyabaki?inyifato yawe yatunaniye abarundi;ntituzi KO urumutwa;ntituzi KO urumututsi;ntituziko uri numuhutu!!ahubwo kubwanje kuberako uguma uvuga ibinyoma ndaguciriye umunyororo woguherayo.kuberako ugomba gusubiza igihugu mwihumbi!mugabo nivyo uhenda aba frodebu ngomurikumwe.bishe ndadaye wakoze iki?reka Mutama turazi ivyawe!!!ahubwo ubutungane buguhashe werekane izo nkoho kuko urazizi kandi niryo honyabwoko niwewe ugomba kurigira.

  • ubuzukwagira afukwagize.cabagiye nimwemere amakosa yanyu nahiterabwoba ntaco rizoshikako

  • mbega vito igihe mugandagura ndadaye amakungu ntiyarahari??

  • Leta iritonda mumatohoza ntihave itwagwa nagashavu kubimazimisi bivugwa ngwahavagwa mumporero

  • ubutungane ndabwizeye.nibaza nibaza abateguru inzira ija kumusa ka bahejeje!hama kizungunu nazo nibaza ko ziri emplace.mubisanzwe abahutu bose bameze nka ngendakuma batibuka akahise ntawundi muti wabo

  • Mbega Leonce NGENDAKUMANA bamubaza iki ko mbona vyose vyamaze kuja ahabona , aho gutangura amatohoza kubariko bakwiragiza ibirwanisho mu MBONERAKURE batumako Leonce ?
    - Ahubwo nibatumeko NIYUNGEKO juvénal na NDUWUMUNSI babaze ivyo biryanisho bamaze iminsi batanga mu MBONERAKURE
    - Mbega ko tuzi neza ubutungane ubu ngene bukora mwotubwira ko ivyo babaza Leonce bo ntibabibona?
    - Vyongeye ayo matohoza ntaco amaze nakimwe , ubu ubutungane bucira inkonda kubera abo bashikirizamanza nabacamaza babutwara bose turazi ko harimwo imbonerakure
    - Nka karorero: Umuskirizamanza mukuru wa parquet Mairie NIMUBONA Arcade ninde atazi ko ari Imbonerakure ikinana umupira na NKURUNZIZA muri ya équipe de football yitwa Messager FC
    - Ninde atazi ko kugira leta ya Cndd fdd igihe gutwara Parquet canke Tribubal urinda gutanga 2.000.000 fbu mumugambwe Cndd fdd, ivyo birazwi kandi vyatanguye kuva kera gose
    - Ninde atazi ko kugira baguhe akazi ko kuba umucamanza canke umushikirizamanza urinda gutanga 2.000.000 fbu kumushikiranganji wubutungane? Ayo mahera yose aja mumugambwe Cndd fdd, hanyuma mukabona bubaka ama permaneces ngo amahera ava he?
    - None ubwo butungane wumva buzokora gute kandi butwarwa nabanyamigambwe
    - Ivyo bintu bidahagaritswe ntakazoza UBURUNDI bufise
    - None LEONCE ivyo yanditse ninde atabibona, raba Imbonerakure ayo zikora kandi zihagarikiwe nabategetsi uhereye kuri chef de colline gushika kuri Edouard Nduwimana umukuru wazo
    - Raba amakuru Radio rema FM ishikiriza umenga ni Radio mille colline RTLM mu Rwanda en 1994
    - Raba site NYABUSORONGO , na AGNEWS ivyo zandika kandi zikoresha amahera ya presidence nayo urwego rwiperereza amwe bita ngo ni bonnes initiatives
    - Raba ukuntu Cndd fdd yatuzanyemwo ibiturire bitagira izina, ubu abacamanza benshi batunzwe nokurya RUSWA kuko ubukene burabarembeje bahembwa intica ntikize 290.000fbu
    - Raba amahera abashingamateka bafata , icakabiri cayo ajo mumugambwe Cndd fdd ari naco gituma batora amategeko ateye isoni nagahinda
    - RAba abo bayobozi bose bakomakomeye ba leta ya Cndd fdd babongeye imishahara kugira batange intererano muri Cndd fdd, ubwo nubunyamaswa bukabije vyose birateye isoni nagahinda kubona igihugu cu BURUNDI ASIGAYE ARI IKIRIMBIRO ryibiturire n’ubucamanza butamikwa ijambo nabo mu ntwaro , mu gisirikare no muri Leta
    - Mbega nkizo nzu aba Cndd fdd bubaka wosigura gute iyo bakuye amahera? ntibahembwa na leta , canke wosigura gute ko umuntu yubaka inzu ya 500.000.000 fbu ata nideni afise muri banke canke atarudandanzwa akora, ivyo wobisigura gute?
    - None ndabaza, kurivyo vyose mvuze ikintu LEONCE yabeshemwo nigiki
    - Arcade NIMUBONA reka guta umwanya wagusa ahubwo rindira 2015 aho wicaye buca haza abacamanza bukuri, we turazi ko uri IMBONERAKURE kandi turazi ko utanga amahera y’intererano muri Cndd fdd kandi uzi neza ko bibujijwe kwinjira mumigambwe uri umushikiriza manza mukuru wa republika
    - Arcade NIMUBONA ico noguhanura nuko woreka gukorera mu kwaha kwa Cndd fdd kuko buraca bugacana ayandi, ejo kandi nuwundi munsi.
    - Ivyo mukora vyokurenganya abantu ntanahamwe bizobashikana atari gutukisha ubutungane nabacamanza, rero ubishoboye niwiyambike agahuzu ureke guhenda abantu,
    - Mbega iyo mpuzu yabacamanza wambaye urazi insiguro yayo?

  • Ubutunganese BWA peter ntibukora sous son ordre,nukumutera ubwoba ,leonce ntutinye ntaco bakugira NA bamvuginyumvira baramurekuye.bashaka kubateshaequilibre gusa ntakindi.naho ivyo wanditse,NA onu yaramaze kubibona mbere yabibonyeimbere Yuko wandika iryo kete.iyo politique y’itera bwoba nibayikuremwo,kuko igihugu nicabarundi bose sica karwi kamwe kabantu,sicibare cabo .

  • Mu bisanzwe mbe Reta yo yari he ko mbona Léonce ari icimenyere abandi bo bafatirwa iki ko mbona ari we ari kw’isonga ry’ingorane igihugu kigira!Ndabasavye mumwibutse ivyo FRODEBU YAGIRIZWA KUVA MURI 93 MBE Léonce aca aja mukihe kibanza?
    Ni akabonge urumva inzara iramwishe none asigaye asaba abo yimye hanyuma agatyoza reta !Aho yoronka amahera yo gutahira ba bagore bane biwe yoca yugara umunwa!Nagira ndamusabe areke guturira igihugu kuko iyo intambara itanguye umwansi n’umukunzi birajana ,ni ukuvuga ko duhomba twese.

  • "La démocratie du plus fort est toujours la mailleure"abafaransa barawuciye!!Jewe mfise mukurwanjew’imbonerakure yansavye konova muburundi vyihuta ngo ukwezi kwa gatandatu ntikugere nkihari kuko nanse kuja muriDD.Ko uko kwezi nicogihe cogutanguraISEKEZA KUBIPINGA vyose!!Uyu mvuga turavukana kandi anatunze inkoho nin’umukurumumbonerakure!!Ivy’ibigwanisho rero DD ibihende amakugu nayo indani mu Burundi turabizi kovyatanzwe mbere ntamusoda canke umupolisi yofyotora kumbonerakure adashaka kuhasiga igufa!!! It’s really terrible kukobigaragara neza ko hari ubwicanyi bwo mw’ibanga CNDD-FDD iriko irategura kubo yita IBIPINGA!!Nibareke INKINAMICOrero n’amajambomenshi ku barundi

  • Nimufunge umushenzi IKIZABE KIZABE ,

  • ahubwo nanje ukondabibona bose hemwe bovugana bose kuko ntanyagupha canke nyagukira kandi bose baremwe n;umwe sinzi ko bavyibagiye murakakanya

  • turasavye dushimitse mwebwe mushirako ama commentaires ya igihe.bi, muze marasoma neza, kuko umushikirizi w’igitutsi niwe mutukanyi, kandi mu minsi tuzobitwarira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.