IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Lt Gen Karenzi Karake yarekuwe ivy’agateganyo

Lt Gen Karenzi Karake yarekuwe ivy’agateganyo

vendredi 26 Ruheshi 2015

Umuyobozi mukuru w’igendereza ry’Urwanda Lt Gen Karenzi Karake yarekuwe ivyo agateganyo na sentare ya WestMinister mu Bwongereza,ariko abanje kuriha ingwati.

Karenzi karake yarekuwe ivya gateganyo,arengutse ubwa mbere imbere ya sentare ya West Minister ariko akariha ingwati y’umuriyoni w’amafaranga akoreshwa mu gihugu c’Ubwongereza ,azoyasubizwa akoze ivyo yasabwe,kwitaba igipolisi iminsi yose,gutanga ibimuranga kuri police,gutanga ivyerekana aho aba n’ibindi.

Bitegekanijwe ko kw’igenekerezo rya 28 ukwezi kw’icenda ariho azosubira kurenguka, ariko itariki ikomeye ni iya 29 Gitugutu aho sentare izogenzura ko yoja kuburanishwa mu gihugu ca Espagne.

Lt General Karenzi Karake yafashwe kuwa gatandatu igenekerezo rya 20 Ruheshi,yagirizwa kuba afise uruhara rwahitanye abanyarwanda n’abandi bava mu gihugu ca Espagne mu gihe ca Genocide.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.