IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Mahama: Abarundi bahunze biga muri kaminuza bagiye kuronswa (...)

Mahama: Abarundi bahunze biga muri kaminuza bagiye kuronswa ishuri

mardi 26 Nzero 2016

Ubuyobozi bw’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi UNHCR mu Rwanda,bumenyesha ko hagiye gutanguzwa inyigisho za kaminuza biciye mu buhinga bwo kwiga bari kure,ku banyeshuri b’impunzi z’abarundi baba mw’ikambi y’impunzi ya Mahama.

Umuyobozi wa UNHCR mu Rwanda Dr. Azam Saber avuga ko bakoranye na kaminuza yo muri Amerika yitwa “Kepler University” bagiye gutangura gutanga ibibazo kugira barabe ko hari abanyeshuri bakwiye botuma hugururwa ishami ry’iyo kaminuza muri iyo kambi.

Yabwiye abanyeshuri ko ubuyobozi bwa Kaminuza ya Kepler bwiteguye kuja mu gihugu c’Urwanda vuba,kugira bakoreshe ikibazo babonye harimwo abanyeshuri batoye ikibazo baheze batanguze iyo kaminuza.

UNHCR ivuga ko ku bafashanije n’ubushikiranganji bujejwe kurwanya ibiza n’impunzi, abatazotora ico kibazo bashobora kurondererwa amashuri y’imyuga bigamwo ari hafi y’ikambi ya Mahama.

Kugeza ubu igitigiri c’abarundi bahungiye mw’ikambi y’impunzi ya Mahama biga muri kaminuza ntikiramenyekana, ariko abaserukira izo mpunzi baguma basaba ko hoboneka imfashanyo kugira nabo babandanye kwiga.

Impunzi z’abarundi bari mu Rwanda bababa ibihumbi 74, abari mw’ikambi ya Mahama nabo bababa ibihumbi 48.


IGIHE

Messages

  • Nivyiza Ko Migira icomubakoreye kuko nimwemwabateje gutigihugu cabongomugomba kuzokibashikiriza kitacitwa igihugu gitwarwanamoko yose agizuburundi, ikindikugira ntimukore iciza ngoxongere kibenekemwo amahinyu namakenga ivyobizokorerwa abarundi bahungiye Rwanda nivyiza muzobikorere nabarundi bari TZD. RDC nahandi. Ekambere mwocamubikorera nabantibantu bitwa impunzi nubwoboba atarabarundi, mutabijijishije ngomubigiregurtyo ryabanga ryuko arimwebwe mwazihamagariye guhugunga canke mwateje amakuba mugihugu cabo rizobariciye riboneka kuko muzobamusa nabababwirango nimwihangane mutikandi mutubabarire ngokuko ntitwarituziko bizogenda nkuko vyagenze atariko kugira abomwasize mugihugu ntimuzosange baramaze amashure namwe atayomwabandanije atiturabahaye uburenganzira mushakabwose namwe tubiteho mwige, kurijewe ndabibonamwo inyungu kugihugucu Burundi nubwobirukwo. Ikindi ntirangiza ntabwiye abakundagusoma ama comments yanje nukomwomenyako abobanyeshure baribabarembeje bisabira kwitahira Burundi kwibandanyiriza amashure yabo, nikwokuca babaronderera icotuma bahagarika gusubira kuvugako bashakagutaha mugihugu cabo camavukiro, ivyovyose # one irwakubiti namacumu kugira abobarundi ntibisubirire iwabo nigihugu curwanda arikontibizocorohera kuko amatwi ansumira nukohariho ibice birenga 95% bivugako nubwobobaha vyanyamurenga bishakira gukorerwa ibintubibiri, gukurwa mu Rwanda bakajanwa Bulaya, Amerika nahandi harihanze y,Afrika. Icakabiri bishakira kwitahira Burundi mugihugu cabo camavukiro ibintu ubutegetsi bwirwanda rutipfuza nagato mberehako urwanda rwobareka bagataha Burundi rubonakorwopfuma rubica ngokuko rwikekako bageze Burundi bozovugavyishi muvyobakorewe nivyibabwirwa nabategetsi nabajejwe umutekano burwanda , abarundi dusengecane kugira turebe Ko abarundi benewacu bahamagariwe kubimpunzi mu Rwanda bozovayo amahoro bakiribazima. Ariko Imana irashoboye muvyago 10 yateje Farawo muntumbero yokugira arekure ab,Isilael nokubarundi benewacu bafashwe burwati vyokorwa mase ntibizorenge ivyago 9 urwanda rutararekura abobarundi bakitahira muri Isirael yakabiri (Burundi)

  • Emweee! Urwo ni uruhendo. abarahiye bakarengwa ko batemera kuja mukiroberi Urwanda ruciye rubaha amashure. Bararaba neza kuko bivugwa ko iyo bazoba babanyanyagije mumakaminuza bazoza barabanyuruza kamwe kamwe gushika bose bahonye kuko bagambarariye umukuru w’igihugu . Ikindi n’uko bazoba bariko barabaryosharyosha kugira bazobaterurire icarimwe babajana gutera uburundi. Kubw’impunzi ziri murwanda , ntanumwe yipfuza kuguma murwana soit barabarungika mubindi bihugu soit babareke bihungukira. naho murwanda babaho baboshwe kuruta nabari muntambara. Ikibabaje n’uko mubavyeyi 3 kuri batanu intuntu yabana babo bari bahungishije ngo ntibicwe n’intambara muburundi baciye bajanwa kwiga ivyagisirikare bakaba nkabose baramaze kuja kurugamba muburundi aho uwutapfuye yafashwe. abobavyeyi intuntu n’agahinda biri mukubegura bakaba badafise n’uburenganzira bwo kwitahira kugira baze kuraba ko atababo boba barafatiwe kurugamba ngo bapfume babagemurira. Abandi nabo ishavu riraniga kubona urwanda rwarabagumuye ngo nibahunge ngo ibintu bigiye gutungana babicishije kuri RPA bagaca bababoherayo. Ngo ni ukubatabariza babarekure ntibabandanye bahambayo ibibondo vyabo bijanwa kugwana ibindi bikicwa nibigwara vyo mubuhungiro (macinya, malaria, ....)

  • n’aba sécondaire bagiye nabo kwiga mw’uku kwakabiri?

  • uwutaziubuhungiro arabubarigwa aratubaza wibaza ko urda rukunda abo bahahungiye gusumba abarundi nibabe baragumayo babe barabinziriza amadovize amasambu yabo abe rononekara ngira bategereje kubagaburira amasambu konzi nabo bafite manini ugwo surukundo gusa.

  • @None? Ubona ukwije? Iyo Urwanda ruhamagarira abarundi guhunga, abarundi bari guhungira my Rwanda gusa. Ikindi ntamutegetsi wemerewe kwinjira munkambi canke gutanga ikiganiro adafise uruhusha, abanza kuvugana na UNHCR, ivyo urementanya ntashingiro bifise, tu es un politicien burundais uba wigize umwenegihugu asanzwe twaraguhinyuye.

  • At Kaka, ndaguhe ivyemezo simusiga kuvyonavuze vyose? Nimbutabishaka konoguha ivyemezo simusiga rindira abobarundi urwanda twagize ingwati itaharyabo Imana niyaritunganya ayomanyama akogatsiko kabategetsi bu Rwanda bafise bazosanga barimwiterambere ryomumacambi nkiryo bariko barakorera abarundi benewacu. Reka ndakubwire mbega uraziko kw’Isi nzima abarundi incuntizabozambere ari abanyarwanda? Ushaka wovyenera kuko iyongabire n’Imana yayiduhaye, kubwivyorero Imana ntizokwemerako hagumaharigikuta kitubuza kwisanzura mubanyarwanda baboshwe nagatsiko kubutegetsi bwurwanda. Wibukeko nabanyarwanda atazindicuti bafise mubihuguvyose zisumba abarundi.

  • None konumva muganishavu namwe nimuhunge haruwabafashe ariko ntimwohunga mutatakwiza na 100L zamaraso

  • bagire amasomo meza tweho tuziga amaprive nayo arahenze nahIMANA

  • bagire amasomo meza tweho tuziga amaprive nayo arahenze nahIMANA

  • wowe wiyise none, uzaze ubatahukane ureke kuvugira aho uri nkintare iziritse ibinyoma byanyu twarabinenye kd mbisuburemwo ntacyo muzakora Ku Rwanda nabatari wowe barananiwe wamucaka wa politic idashyitse we.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.