IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Mahama:Impunzi 29 z’abarundi ziramaze kwitaba Imana

Mahama:Impunzi 29 z’abarundi ziramaze kwitaba Imana

samedi 27 Ruheshi 2015

Abarundi 29 baba mw’ikambi y’impunzi ya Mahama,mu gihugu c’Urwanda,baramaze kwitaba Imana.Benshi bahitanwa n’indwara ya Malariya,gucibwamwo n’uburuhe.

Jeff Drumtra,ajejwe kumenyesha amakuru n’imigenderanire mw’Ishirahamwe rya ONU ryitaho impunzi UNHCR , yavuze ko amakuru atangwa n’abajejwe ubuzima mw’ikambi yerekana ko impunzi 29 zitavye Imana.

Jeff Drumtra yavuze kugeza ubu ata ndwara z’ivyaduka ziri mw’ikambi y’impunzi,kuko amazi n’ibindi bikoresho vya nkenerwa vyamaze kuboneka,ivyo navyo bikerekana ko Urwanda n’abo bafashanya ataco batakoze ngo bafashe impunzi.

Uwo mukozi wa UNHCR yamenyesheje ko mu ndwi iheze,impunzi 100 arizo basanze zifise indwara ya malariya,kandi iyo akaba ariyo ndwara yibonekeza cane mw’ikambi y’impunzi,nk’uko amakuru atangwa n’abaganga abimenyesha.

Ikambi ya Mahama imaze kuvukiramwo abana 80, Drumtra yavuze ko bitaweho cane kandi ko bahawe ivya ngombwa,hamwe n’abavyeyi babo.

Kugeza ubu ku butaka bw’Urwanda hari impunzi z’Abarundi zirenga ibihumbi 36.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.