IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Makamba : Ingeso yo kuniga utwana tukivuka isa n’iyarenze inkombe

Makamba : Ingeso yo kuniga utwana tukivuka isa n’iyarenze inkombe

lundi 23 Kigarama 2013

Ingeso yo kuniga abana b’inzoya isa n’iyiriko irarenga inkombe mu ntara ya Makamba, aho muri iyi ndwi twaraye turangije utwana tubiri tw’uduhinja aritwo twahasize ubuzima, tugandaguwe n’abari bahejeje kutwibaruka.

Abigeme babiri bakaba bari mu minwe y’inyamiramabi aho bagirizwa kwica abana bibarutse muri iyi ndwi twaraye turangije. Umwe akaba ari uwo muri komine ya Mabanda aho muri iyo ntara ya Makamba. Ababanyi baherutse yibungenze, ariko haheze iminsi baja bamubona asa n’uwibarutse ariko atakibondo ahetse, niko kumugirako amatohoza, baca basanga yaribarutse, maze uruyoya yari yahaye ubuzima aca aruhamba mu bitoke, akaba yaciye ajanwa mu minwe y’inyamiramabi.

Uwakabiri nawe ni umwigeme wo ku musozi wa Muyange muri komine ya Nyanza Lac aho nawe yanize umwana yavyaye ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 20 Kigarama uyu mwaka, ariko we bica biramugora kuko yaciye agira ingorane, amagara aca aramukika kuko yagize ingorane mu gihe yariko aribaruka, ubu akaba ariko aravurirwa mu bitaro vy’i Makamba. Abanyagihugu bakaba basaba ko abo bigeme baniga abana baheje kwibaruka boza barahanwa bimwe bishimishije, kuko hari aho uja wumva bararekuwe kandi bari mu minwe y’ubutungane.

Ikindi basaba ni ukwo hoza haraba inyigisho zituma abigeme batwaye inda z’indaro badashobora kuniga abana baba bibarutse. Ababanyi bagakurikiranira hagufi umwigeme wese afise imbanyi atipfuza, kugira bamukingire kuzica umwana, ikindi n’uko mu kibano boreka gufata abafise izo nda z’indaro nk’ibicibwa, ahubwo bakabaremesha.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.