IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Mashandari:" Amanota 34 % ntatuma abanyeshuri bakurikira neza amashuri (...)

Mashandari:" Amanota 34 % ntatuma abanyeshuri bakurikira neza amashuri yisumbuye"

vendredi 11 Nyakanga 2015

Emmanuel Mashandari umukuru wa Sendika y’abigisha bo mu mashuri yisumbuye CONAPES amenyesha ko amanota bafatiyeko ku banyeshuri bazokwinjira mu mashuri yisumbuye adashobora gutuma bakurikirana ivyigwa vyo mu mashuri yisumbuye kandi bashobore guhiganwa.

Amanota 34 kw’ijana niyo ubushikiranganji nbw’indero,inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi bwafatiyeko ku banyeshuri bahejeje amashuri y’intango bagomba kuja mu mashuri yisumbuye.

Kubwa Emmanuel Mashandari ayo manota yerekana urugero ruto rw’ubumenyi bw’abanyeshuri bo mu mashuri y’intango,kandi bitegerezwa kugira ingaruka ku mashuri bazokwiga bayashitsemwo bafise ayo manota.

Emmanuel Mashandari avuga ko abanyeshuri bimukanye ayo manota baba bafise ingorane zo gukurikira ivyigwa vyo mu mwaka w’indwi,mu gihe uburyo bwo kwigisha mw’ishure nshingiro bwahindutse aho batangira ivyigwa mu mirwi.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.