Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mauritanie : Umushikiranganji wa mbere na Reta yiwe batanze (...)
 Mauritanie : Umushikiranganji wa mbere na Reta yiwe batanze imihoho
 Mauritanie : Umushikiranganji wa mbere na Reta yiwe batanze imihoho
				
				lundi 3 Ruhuhuma 2014
Umushikiranganji wa mbere mu gihugu ca Mauritanie Moulaye Ould Mohamed Laghdhaf yaraye atanze imihoho, ava ku butegetsi yari amazeko imyaka ishika kuri itanu.
Urwete rwo gutanga imihoho akaba yarushikirije umukuru w’igihugu ca Mauritanie Mohamed Ould Abdelaziz, kuri uyu w’Imana wa 2 Ruhuhuma 2014. Ayo makuru akaba yatanzwe n’igisata kijejwe ivy’itumatumanako amakuru mu gihugu ca Mauritanie, AMI (Agence Mauritanienne d’Information).
N’aho gushika ubu impamvu zatumye Moulaye Ould Mohamed Laghdhaf atanga imihoho zitaramenyekana, vyari vyitezwe ko biba kuva inyuma y’amatora y’abashingamateka yabaye hagati y’ukwezi kwa Munyonyo na Kigarama.
Umugambwe uri ku butegetsi ubu, usanzwe ukomokamwo n’umukuru w’igihugu ca Mauritanie, Mohamed Ould Abdelaziz akaba ariwo watahukanye amajwi menshi mu nama nshingamateka.
Mwomenya ko Mouhamed Ould Mohamed Laghdaf yahoze ari intwazangabo yigeze guhirika ubutetetsi igihe Mohamed Ould Abdelaziz yatorwa kurongora igihugu hakoreshejwe inguvu.
Mariella Bukuru

Messages
3 Ruhuhuma 2014, 17:37, par Tollo
Barabe neza ntahave ahirika ubutegetsi.none yoba agiyehe.ubona ko nkene bariya baba bitungiwe na protike.
3 Ruhuhuma 2014, 19:35, par x
May this also be the great lessont to our E.Nkurunziza!!Kubwamatiku adaskira yama aranga intwaro yiwe DD,we wish u farewell brethren DD!!