IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Michel Nurweze "Rwembe" yasabiwe umunyororo w’ubuzima bwiwe bwose

Michel Nurweze "Rwembe" yasabiwe umunyororo w’ubuzima bwiwe bwose

vendredi 7 Munyonyo 2014

Urubanza rw’uwahoze ari icegera c’umukuru w’igiporisi mu ntara ya Gitega, Michel Nurweze batazira "Rwembe" rwarumvirijwe kuri uwu wa kane, muri sentare isubiramwo imanza ya Gitega. Abaporisi babiri bamwagiriza urupfu rwa Léandre Bukuru batari bwitabe ku mvo z’umutekano, muri iyo ntahe bari bitavye, ariko umwe akaba atemeye kuba isura. Michel NURWEZE yasabiwe umunyororo w’ubuzima bwiwe bwose.

Uwo yahoze ari icegera c’umukuru w’igiporisi mu ntara ya Gitega, Michel NURWEZE batazira "Rwembe", akurikiranwa ku vyaha bitatu : urupfu rwa Léandre Bukuru, umunywanyi w’umugambwe MSD yagandaguwe aciwe umutwe agatorwa ikiziga kiri ukwaco, umutwe wiwe nawo ugatorwa mu kazu ka surwumwe, ugusinzikariza ubuzima umunyagihugu Zakariya Ngenzebuhoro, hamwe n’ugushaka kwica umunyagihugu Firiberi Kimararungu.

Abaporisi babiri bivugwa ko arivyo vyabona, ariko bakaba batari bwaseruke na rimwe mu ntahe ku mvo z’umutekano wabo bari bitavye muri iyo ntahe y’icese. Umwe muribo yaremeje ko yabonye Michel NURWEZE batazira "Rwembe" mu modoka y’igiporisi itari iy’intara ya Gitega, bikaba bivugwa ko yoba ariyo yatwaye ikiziga ca Léandre Bukuru, umunywanyi w’umugambwe MSD yagandaguwe aciwe umutwe agatorwa ikiziga kiri ukwaco, umutwe wiwe nawo ugatorwa mu kazu ka surwumwe. Umuporisi agira kabiri azwi kw’izina rya SABUSHIMIKE Antoine ntiyashoboye kuba isura, kuko yasiguye atogira ico avuze ku matohoza umushikirizamanza asanzwe yarakoze, kandi atazi ko ariyo. Yaciye ahanishwa igihano c’umunyororo w’amezi atatu n’ihadabu ry’amafaranga ibihumbi mirongo itanu. Uwo muporisi SABUSHIMIKE Antoine yaciye ajanwa mw’ibohero aho nyene.

Michel NURWEZE batazira "Rwembe" arahakana ivyo yagirizwa vyose, akamenyesha ko ari ibinyoma. Yaciye asabirwa umunyororo w’ubuzima bwiwe bwose ku rupfu rwa Léandre Bukuru, umunyororo w’imyaka 15 ku caha c’ugusinzikariza ubuzima umunyagihugu Zakariya Ngenzebuhoro, hamwe n’umunyororo w’iyindi myaka 15 ku caha c’ugushaka kwica umunyagihugu Firiberi Kimararungu.
Urubanza rwashizwe mu mwiherero, sentare ikaba izorusoma mu kwezi kumwe.

JPEG - 110.4 ko
Michel Nurweze batazira "Rwembe" (i buryo), ari kumwe n’uwumufasha kuburana

Tubibutse ko ababuranira abo banyagihugu bunguruje urwo rubanza inyuma y’aho ku genekerezo rya 12 z’ukwezi kw’umunani 2013, sentare y’intango yambitse izera Nurweze Michel batazira Rwembe, yakurikiranwako ivyaha vyo kugandagura abo yari ajejwe gucungerera umutekano, hamwe no guhohotera agateka ka kiremwa muntu. Mu vyaha yakurikiranwako, harimwo urupfu rw’umunyagihugu Leandre Bukuru yagandaguwe abanje gucibwa umutwe, bakawutora mu kazu ka surwumwe, umutumba nawo mu kindi kibanza.

Ku munyagihugu Zakariya Ngenzebuhoro yahohotewe, sentare yasanze ari icaha co kumukomeretsa, ica imuca ihadabu rw’amafaranga agera ku muriyoni w’amarundi. Kuva yambitswe izera, Nurweze Michel batazira "Rwembe" yaciye asohoka ibohero, ubu akaba aburana yidegemvya mu kurindira ingingo izofatwa na sentare isubiramwo imanza mu kwezi kumwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • Je sinibaza ko Rwembe yohava aba ikijuju gushika naho arindira bagasoma urubanza n’ivyo bihano vy’amahano yasabiwe acicaye ngaho, kandi yidegemvya. Iryo jisho ry’iwe mubona ari iry’injiji?

  • Hahaah!! Nono ko muvyo yagirizwamwo n’urupfu rw’umunywanyi w’Umugambwe jeho nibaza ko yoba yari yatumwe n’Umugambwe asanzwe aturukamwo!!

  • Ariko jewe murantanganza cane,ngo bamusabiye gufungwa burundu,hanyuma ngo baca bamukura mu munyororo ngo abe aridegemvya en attendant? Aho ntimubona ko bamubwiye ngo niyitegure atoroke ahunge,muzoba mumbwira.CNDD ntishobora ku mufunga kuko niyo yamutuma,uko nuguhuma amaso abarundi,na mahera yo kumotorokesha aho yaramaze kuyaronka wait end see!!

  • Abanyakibi nkabo baba bakwiye gukorerwa icaha bagiriye abandi maze bagaheza bakumviriza nabo gatoyi ingene bibabaza gusinzikarizwa ubuzima. Ba Rwembe ni benshi ariko kizima nuwo abonetse. None nkabamushinze amabanga bibaza iki?

  • niba yarakoze icyocyaha abihanirwe gusa nuguca umuco wo kudahana

  • wamuntu wiyise kosigine nibaza kobari bakwiye kukujana kwarojanti canke indera mbega kwamaze umwaka urenga yidegemvya ko uwo mugambwe utamutorokesheje aho uwo kurengutsa mubutungane urafise ivyemezo vyivyo udebagura ngo yatumwe numugambwe aturukamwa haraho murasoma mwibwirizwa nshingiro ko igiporisi nigisirikare gishingwa hisunzwe imigambwe kwarujiji gusa bubuzuyemwo mbe nkubaze sinduhije nawe yatorokeshejwe nande ?

  • umuntu yiyita ndiho urantwengeje,mumisozi ntimwigisha yuko bakwiye gutora umugambwe ufise igisoda.kura iterabwoba wew wotumako umuntu mubutungane nkande?reka kuza mwishira hejuru harya nukutiyumvira kubibi mukora umusi uzogera nuk,Imana ikibihoreye

  • Ahubwo yari akwiye kunyongwangwa kuko na b bariya yishe bari abantu.

  • @Sivyubu, uwogutuma umusirikare wumugambwe womwereka abarindi namakungu ? Haruherutse kwandika gahako ivyomuvuga usangamenga nuwabatumyekwamamariza CNDD FDD! Nkubu ivyuvuze turetsejewenkuze nkabanzi kumusoda aruwogihugu ataruwumugambwe abanabobacababibika mumitwe nguwitwa Sivyubu yarabivuzeko abasoda arabimugambwe CNDD FDD.

  • Nagombakubabwirako abajejwumutekano batandukanye namwe banyamigambwe kuko iyomumazimyakamyishi murondera kwimigambwe yanyu yotzindamatora bikanka mucamubonako igihugu canyu atacokikibamariye arinaho mucamutangura kuzamurashigikira ikibicose kibaye mugihugu, umusirikarero ntarebera ngoharumugambwe runaka kubitegetsi kukowewe ahigana nuwowese ashama guhungabanya umutekano wabenegihugu ukozikinturero gisanokuwuhungabanya arakurwanya ariko ntabariko ararwanirira umugambwe urikubutegetsi ahumwo abarimwo araharanira kwigihuguciwe kibamwo amahoro numutekanontangere ubindabivuze kubera harabantu bakunze kubihendahocane.

  • Rwembe n umubisha inda yamuvyaye yari gupfuma ikoroka, mbona yarakwiye kugererwa ku nkoko yagereyeko abandi. Uwo ni yicwe nabandi bagire ico batinya.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.