IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mu mezi atarenze atatu isoko iri kuri COTEBU izoba yahejeje (...)

Mu mezi atarenze atatu isoko iri kuri COTEBU izoba yahejeje kwubakwa

vendredi 27 Kigarama 2013

Mu kiganiro umuvugizi wa Reta ari kumwe n’abavugizi b’ubushikiranganji butandukanye bariko baraha abamenyeshamakuru mu ntumbero yo gutanga umuco ku bibazo bitandukanye bivurwa mu gihugu, ikibazo kijanye n’isoko iriko irubakwa mu kibanza ca COTEBU vyanse ko ihera cabajijwe. Kuri ico, umuvugizi w’ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akaba avuga ko vyatumwe n’uburyo, bica bituma bimwe mu bibanza vy’iyo soko biteba guhera.

Umuvugizi w’ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu amenyesha ko ikibazo c’isoko yo mu kibanza ca COTEBU bavuze ko yari kumara amezi abiri, bikaba bitashobotse, ku mvo z’ingorane z’uburyo, n’ibindi bibanza usanga bitarahera kwubakwa, ndetse Reta ikipfuza ko iyo soko yoba iy’akarorero, ikubakwa neza. Abandanya amenyesha ko gushika uno munsi, ibikorwa nyamukuru vyarakozwe n’ababijejwe, ikibuze gushika ubu ari uruzitiro, ibituro vy’imiduga, amabarabara aja mw’isolo atarakorwa neza. Aremeza ko mu mezi atarenze atatu, ivyo vyose bizoba vyakozwe, kuko ibanki y’Afrika ijejwe iterambere yatanze imfashanyo y’amadolare y’Amerika angana n’ibihumbi 500,000 kugira afashe mu bikorwa bisigaye, harimwo no gusanura imiduga ya kizimya mwoto yapfuye.

Ku bavuga ko iyo soko yubatse nabi amabati ari hafi, ubushuhe bugashobora kubangamira abanyagihugu, umuvugizi w’ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu amenyesha ko ababivuga ari ukwo bayirabira hanze, uyishitse imbere iyo soko ari nziza, ndetse akavuga ko ifise n’ibibanza bikuru bikuru bine, nk’uko isoko ya kera yo mu gisagara hagati ca Bujumbura yari imeze, imbere y’ukwo isha igatokombera. Ahubwo we, akaba amenyesha ko ikibazo c’uruhuherezi arico babona ko gishobora kubangamira abadandaza, ariko ibanki ya ZEP ikaba yaratanze nayo nyene imfashanyo kugira ako kanenge gakosorwe.

Umuvugizi w’ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, akaba yarangije ashimira abafashije bose, kugira iyo soko ishobore kwubakwa, mu ntumbero yo gukura abanyagihugu mw’ibarabara.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.