IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Mubimbi : Ubwinshi bw’abanyeshure ni imwe mu ngorane ibangamiye (...)

Mubimbi : Ubwinshi bw’abanyeshure ni imwe mu ngorane ibangamiye indero

lundi 25 Myandagaro 2014

Igenekerezo rya 15 Nyakanga niryo sango ryo gutangurirako umwaka w’ishure wa 2014 ushira 2015, isango ryatanzwe n’umushikiranganji w’amashure mato mato n’ayisumbuye Rose Gahiru. Ariko ingorane zikaba zitabuze, yaba izijanye n’ubwinshi bw’abanyeshure mu mashure, hamwe n’ubukene bw’intebe n’ibirasi.

Umushikiranganji w’amashure mato mato n’ayisumbuye, mu gihe yariko yishura ibibazo vy’abakenguzamateka, yatanze isango ryo gutangurirako umwaka w’ishure w’2014 ushira uw’2015. Ariko rero n’ubwo hasigaye iminsi mike gusa amashure agatangura, ingorane ziracari nyinshi zijanye n’ubwinshi bw’abanyeshure, ubukene bw’intebe, ubukene bw’ibirasi, abigisha bazokwigisha mw’ishure shingiro bariko bahabwa inyigisho bavuga ko bazihabwa mu mwanya muto n’ibindi. Akarorero ni komine Mubimbi iri mu ntara ya Bujumbura rural, ifise abanyeshure benshi cane kandi amashure yo ari make gose, aho mw’ishure rimwe hashobora kujamwo abana 180 bose, nk’uko bishikirizwa na Albert Mafyiritano asanzwe ajejwe indero muri komine ya Mubimbi, ivyo bikaba vyatumwe n’itegeko nshikiranganji rigabanura imyaka yo gutangurirako ishure.
Uwo ajejwe indero muri komine Mubimbi abandanya avuga ko bafise n’ikibazo c’intebe babicarikako hamwe n’ibirasi bigiramwo.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, Albert Mafyiritano amenyesha ko yamaze kushikiriza ico kibazo abo cega kugira barabe ico bofasha. Mbere yaboneyeho akaryo ko gutura ico kibazo imvukira zaho muri iyo komine zari zitavye ibirori vyo kuramura imikangara ya mbere yari irangije amashure yisumbuye kw’ishure ryisumbuye rya zone Mageyo, kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 23 Myandagaro.

Umushigamateka emmanuel Nkunzimana yatowe muri yo ntara ya Bujumbura rural we abona ko ahanini ico kibazo kiva no ku kutavyara ku rugero. Ahimiriza abanyagihugu bo muri komine Mubimbi kwijukira kuvyara ku rugero. Turiko turagerageza kurondera umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amashure mato mato n’ayisumbuye kugira batumenyeshe ico bagiye gukora kugira izo ngorane zose zishobore gutorerwa umuti.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.