IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Muramvya: Lycee Muramvya yarungitse abanyeshuri mu mihana yabo

Muramvya: Lycee Muramvya yarungitse abanyeshuri mu mihana yabo

mercredi 27 Nzero 2016

Ubuyobozi bwa Lycee Muramvya bwafashe ingingo yo kurungika abanyeshuri mu mihana yabo,inyuma y’iminsi itatu bahagaritse ivyigwa kubera mu bubiko bw’ibifungurwa atagisigayeyo.

Iyo ngingo yafashwe n’ubuyobozi bwa Lycee Muramvya kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 26 Nzero 2016,bumenyesha ko butogumiza abanyeshuri mu ndaro kandi ububiko bw’ibifungurwa bugaragara.

Kuva mu mpera z’indwi iheze,abanyeshuri bari bahagaritse ivyigwa basaba infungurwa ,kuko bahabwa umuceri wonyene akaba ariwo bafungura kandi naho nyene udakwiye.

Umuyobozi wa Lycee Muramvya amenyesha ko haheze amezi atari make,ubushikiranganji bw’indero butabahaye amafaranga busanzwe butanga yo gufasha mu kubeshaho abanyeshuri baba mu mashuri afise uburaro.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.