IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Muyinga : Umunyeshure yagandaguwe avuye kwimenyereza

Muyinga : Umunyeshure yagandaguwe avuye kwimenyereza

lundi 23 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Mu ntara ya Muyinga, ahitwa "Quartier Swahili", hamaze iminsi havugwa abantu bategera abantu bakabica babanje kubakubita ivyuma mu mutwe. Akimana Petero Karaveri yagandaguwe muri ubwo buryo, mu gihe yariko arataha avuye kwimenyereza (Stage). Ababanyi biwe basaba igiporisi ko cokora amatohoza bakamenya uwakoze ubwo bubisha.

Akimana Petero Karaveri yahora ari umunyeshure wo mu mwaka wa kane mw’ishure ryigisha ubuvuzi mu ntara ya Muyinga. Yagandaguwe mw’ijoro ryo kuwa gatandatu rishira uw’Imana, mu gisagara ca Muyinga. Uwo musore yakubiswe ku mutwe, aranacumitwa n’inkozi z’ikibi zitaramenyekana. Abo bamugandaguye bamutegereye ashitse muri "Quartier Swahili", mu gihe yariko arataha. Akimana Petero Karaveri yari yiriwe yimenyereza ivyo kuvura (Stage), ku bitaro bikuru vy’intara ya Muyinga.

Intara ya Muyinga imaze iminsi ivugwamwo ubwicanyi bukorwa n’abantu bikinga ijoro bagategera abariko barataha, bakabakubita ivyuma. Déo Rwamuhizi, musitanteri wa komine Muyinga, asaba abanyagihugu bo mu gisagara ca Muyinga, ko boshira ku ngo zabo amatara yakiriza hanze, akabonesha imbere y’amazu, kandi batabaze abajejwe umutekano igihe cose babonye abantu bateye amakenga biyerereza muri ico gisagara ca Muyinga.

Naho abanyagihugu basaba ko komine yovugana na REGIDESO amatara yo ku mabarabara agasubira gukora, musitanteri wa komine Muyinga Déo Rwamuhizi avuga ko vyokenera uburyo bwinshi, ari naco gituma asaba umwe wese kugira uruhara, akaba arabonesha imbere y’urugo rwiwe mu kurindira.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.