IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Mwaro : Igitigiri c’abana bahagarika amashure ciyongereye

Mwaro : Igitigiri c’abana bahagarika amashure ciyongereye

mardi 25 Ntwarante 2014

Abanyeshure bo mu mashure mato mato babandanya gihagarika amashure, bamwe bivuye kugutwara imbanyi, abandi bivuye ku bukene. Abajejwe indero bahamagarira abavyeyi guhimiriza abana mukubabwira akamaro k’ishure.

Mu ntara ya Mwaro, abanyeshure baharurwa mu gihumbi n’amajana atandatu na batatu (1603) bo mu mashure mato mato nibo bahagaritse amashure. Komine Rusaka yonyene ikaba iharurwamwo abagera ku majana atatu na mirongo ibiri n’icenda (329) bose bahagaritse amashure.

Simon NGENDAKUMANA, umuyobozi w’indero mu ntara ya Mwaro ahamagarira abavyeyi ko bohanura abana babo, babasigurire akamaro ko gukurikirana amashure.
N’izindi ntara nka Cibitoke, Rutana ziravugwa ku bitigiri vy’abana bahagarika amashure biguma vyiyongera. Mu ntara ya Rutana, kuva mu mwaka uheze abana baharurwa mw’ijana na mirongo itatu na bane (134) nibo bahagaritse amashure.

Aho hose, imvo nyamukuru akaba ari inda z’ishushu, hamwe n’abana bahagarika amashure bakaja kurondera ubuzi buto buto mu bisagara n’ahandi. Abajejwe indero n’abavyeyi basabwa kubandanya bahimiriza abanyeshure gukunda amashure, hamwe n’ukubahamagarira kwirinda ibihenda amaso n’ubuhumbu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.