IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Mwaro : Imana yaracanye ntamwana yirukanywe kubera inda y’ishushu

Mwaro : Imana yaracanye ntamwana yirukanywe kubera inda y’ishushu

mardi 31 Kigarama 2013

Mu gihe uyu mwaka w’2013 urangiye amashure atandukanye yo mu Burundi bivuzwe ko inda z’ishushu zagiye ziribonekeza mu bigeme, ndetse bigatuma abana bamwe bamwe baheba n’amashure, umuyobozi w’ishure rikuru ry’i Mwaro ya kabiri, avuga ko uyu mwaka atamunyeshure yirukanywe kubera izo ngorane z’inda z’indaro.

Deo Ndabifatukobiri umuyobozi w’ishure ryisumbuye ry’i Mwaro ya kabiri, avuga ko ishure arongoye abana biga bataha, ariko Imana yacanye atamunyeshure yahuye n’ingorane ngo atware inda y’ishushu. Umuyobozi w’iryo shure, akaba amenyesha kandi ko ivyirwa bitangwa neza kuri iryo shure, mu gihe abigisha nka bose baba i Mwaro, ivyo bigatuma abanyeshure bahabwa ivyirwa n’abafise umwanya ukwiriye. Abanyeshure baharerewe akaba ari 511. Ivy’aho bamwe bibaza ko abigeme bo mu kirundi boba batiga, umuyobozi w’iryo shure akaba amenyesha ko ivyo atariko biri i Mwaro, kuko abigeme aribo benshi kuruta abahungu kw’ishure arongoye.

Ingorane bafise muri iki gihe, akaba ari abigisha barungitswe gukora ahandi, ubu bakaba batarasubirizwa. Ariko akavuga ko iyo ngorane izwi mu bushikiranganji co kimwe no mu buyobozi bw’indero mu ntara, akaba yizeye ko mu minsi ico kibazo kigiye kuzotorerwa umuti.


Aristide Nizigire

Messages

  • Vyari bimeze neza n’uko uwo muyobozi atambaye nk’uwuyora ishure ry’isumbuye!Tres sale!!!!

  • washaka yambare gute?niyiyambarire ntakundi, erega niryo tegeko abo bayobozi bafise, kwambara izo mpuzu ziriko ifoto y’umukuru w’igihugu.aho no mu nama yambaye ikoti, munsi haba hariyo ako gapira, bamwe mu bashingamateka, abakenguzamateka, abashikiranganji ba musitanteri, aha naho tutavuze ba buramatari bo oya ni uniforme. ariko nikugira biyerekane, mu matora yo muri 2015 baze baronke ibibanza...ari sale kabisa no gusokoza wapi

  • Ewe mana garukira igihugu cacu mbega ubu dusigaye dutegerezwa kwambara impuzu ziriko abadutwara, mana nukuri igihugu cacu kigeze aho umwansi ashaka none ubu abantu barigize ibigirwamana ese iyo ba babigirira abantu batazi ijambo ryimana nukuri imana irihejuru irakwiye kwiyerekana muri iki gihugu kuko birababaje.

  • naho ryoba ari itegeko hari uwamutegetse kudasokoza?Arateye isoni!Noneho umuravye gusa si umuyobozi ngira akubura kuri iryo shure!umu chef( competence,...estime....) arabisa.kandi si ubukene ntiyobura 100fbu ryokugura urwembe rwokumwa ivyo vyanwa nokumesa izo yambaye!Tellement sale!!!!

  • Kombona abantu basigayebashingwa nibitabaraba kugezanaho abatanga ama commants batintumbero yinkuru yatanzwe nikinyamakuru bakizanira izabo?! Uwomuyobozi ntanumwe afise uburenganzira bokumubuza kwambara ukwashaka birababaje kubona abantubankumuntu kugezanaho babonye ifotoyiwe batumutwe!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.