IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Mwumba : Hashizweho umurwi kugira urwanye inda z’indaro ku banyeshure

Mwumba : Hashizweho umurwi kugira urwanye inda z’indaro ku banyeshure

vendredi 12 Nyakanga 2014

Muri komine ya Mwumba intara ya Ngozi, bariteguriye umwaka w’ishure w’2014 ushira 2015 mu mashure, naho bimwe bikigoranye nk’ibikoresho vyo mu mashure nshingiro.

Muri iyo komine, amanama hagati y’abajejwe indero hamwe n’abayobozi b’amashure aragirwa cane, kandi n’ibimaze gushikwako bishimishije kuko ivyankenerwa vy’ibanze vyarabonetse kugira baze bashobore kwakira abanyeshure naho ibitigiri bishishikara kwiyongera. Ariko rero muri iyo komine, ibitigiri vy’abana baheba amashure biguma vyiyongera, ivyo bigatuma abana benshi baja mu bindi bikorwa, ndetse aho bimwe usanga bidashimishije. Muri abo bayacira hagati kandi, abana b’abigeme baza ubwa mbere, bivuye kugutwara inda batipfuza.

Mukamenya ko buramatari w’iyo ntara yashizeho umurwi wo kurwanya iyo ngeso ku bana b’abigeme gutwara inda z’ishushu. Iyo komine ya Mwumba rero ikaba iza kw’isonga ku rwego rw’intara ya Ngozi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.