IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ngozi : Umucamanza yaciriwe umunyororo w’imyaka itatu

Ngozi : Umucamanza yaciriwe umunyororo w’imyaka itatu

samedi 16 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Ildephonse Nduwumwami, umucamanza muri sentare nkuru ya Kirundo yaciriwe igihano c’ugupfungwa imyaka itatu na sentare isubiramwo imanza y’i Ngozi. Uwo mucamanza azotanga kandi ihadabu ry’amafaranga ibihumbi ijana vy’amarundi.

Mu rubanza rwa mbere, uwo mucamanza yari yasabiwe umunyororo w’imyaka itanu hamwe n’ihadabu ry’amafaranga ibihumbi ijana nyene vy’amarundi.

Ildephonse Nduwumwami yafatiwe mu ntara ya Kirundo aho asanzwe akorera, akagirizwa ko yafatanwe inzandiko zidateyeko umukono (tracts) zanditseko amajambo y’ugutuka umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Yagirizwa kandi ko hari n’izindi nzandiko yoba yari yamaze gukwiragiza mu mihingo itandukanye igize umurwa mukuru w’intara ya Kirundo, ariko akaba yamirira kure ivyo yagirizwa.

Agifatwa yaciye ajanwa gupfungirwa mu gasho ka parake y’intara ya Kirundo, mu nyuma akaba yaciye yungururizwa mw’ibohero rikuru rya Ngozi, aho apfungiwe yagirizwa icaha c’ugutuka umukuru w’igihugu.

IGIHE

Messages

  • MUHANE KANDIMWENABO BANTU KOMUBOROHEREZA KUMYAKA ITATU GUSA.YARAKWIYE IMYAKA ITANU N.IRAKI ZITANU

  • Ivyuburundi turabimenyereye, kuko nigihugu kikiri mugikoroni camacakubiri, nirementanya, nukuvuga uwo mucamanza ntiyarashigikiye umugabi wa Nkurunziza wo kumara abenigihugu. Turabazi uko baremwe iyo babona utarikumwe nacakigirwa mana cabo ngo ni peter,canke utari mumugabwe wabo bagerageza kukwimbiricobo. nabantu bamaze kuvumwa ni Mana ni mba wokwibaza kombesha uzobakurikirane muvugo zabo canke muvyi yumviro vyabo niho uzobatahura neza jewe naramaze kubigako nzadabazi kwatakirimwo.

  • Emerujemugasho hakwemera kubigikoresho cico kigigwamana ngo ni nkurunziza,uzovamugasho nka Mandela.Icogihugu aboba dd bagize nkicabanyina,bazakivako nkabaporona,kandi ntani teka narito bazigera baronka.

  • Mbega wewe yofugwa bije gute ?niyihangane kuko nabariyo sibwa ziwe

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.