IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Nta mwigisha azokurwa kubw’umuzo w’ishure nshingiro

Nta mwigisha azokurwa kubw’umuzo w’ishure nshingiro

mardi 18 Ruheshi 2013

Umushikiranganji Rose Gahiru arahumuriza ko ata mwigisha n’umwe azokwirukanwa kubw’ ishirwaho ry’amashure nshingiro.

Kuri uwu wa kabiri ,igenekerezo rya 18 ruheshi 2013 ,umushikiranganji ajejwe inyigisho z’intango n’ay’isumbuye Roza Gahiru, yamenyeshejeko ata mwigisha n’ umwe wo mu mwaka w’ indwi gushika mu mwaka w’icenda azokurwa. Igihe abakenguzamateka bariko barabaza ibibazo kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 18 ruheshi 2013, umushikiranganji Roza Gahiru yaramenyesheje ko ahubwo hashobora kubaho ihinduka rimwe rimwe kugira batunganye neza izo nyigisho zishasha z’ishure shingiro mu gihugu cose.

Ibibazo bimwe bimwe vyabajijwe ,nk ‘ikibazo c’uko leta yoba iri mu myiteguro ikwiye y’izo nyigisho ry’ishure nshingiro, ikibazo c’aho izo nyigisho zizokwegamira yaba mu nyigisho z’amashure mato cake ay ‘isumbuye, n’uko kwiga k’ubuntu ku bana bizobandanya.

Umushikiranganji Roza Gahiru, akaba yahamagariye abigisha bari muri yegereyegere gusubira ku mirimo.Yamenyesheje ko guhera kuri uwu musi wa gatatu igenekerezo rya 19 ruheshi 2013, umwigisha atazotonda kukazi kiwe azokwitwa uwahunze ibikorwa. Umushikiranganji Roza Gahiru akaba yavuze ko yegereyegere zimaze imisi zibonekeza mu ma sendika amwe amwe ko zidaciye mu mategeko, ni nayo mpamvu ibihano bitegekanijwe kuri abo bazosiba imirimo.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.