IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Imyimenyerezo yakorerwa muri Uganda yahagaritswe

Imyimenyerezo yakorerwa muri Uganda yahagaritswe

mercredi 10 Ndamukiza 2013

Abanyeshure barangije mu gisata c’indimi n’icongereza be n’abo mu gisata c’ubwigisha bo kuri kaminuza y’u Burundi,baragize imyiyerekano mu mutekano kuri uyu wa kabiri igenekerezo ry’i 9 Ndamukiza 2013,imbere y’inyubakwa y’ibiro vy’umushikiranganji ajejwe amashure yisumbuye.

Abo banyeshure rero basaba uburyo bwo kuja mu bikorwa vyo kwimenyereza ari vyo”Stage” mu gihugu c’Ubuganda,aho bazononosora neza ivyo bize, nkuko vyama bikorwa no ku bandi bize muri ivyo bisata.

Abayobozi bo kuri iyo kaminuza bavuga ko imyimenyerezo yahora ikorwa, umwaka w’ishure w’i 2011 ushira uw’i 2012 yahagaritswe kubera ata buryo bw’amafaranga bwabonetse.

Ariko barahumurije abo banyeshure bababwira ko ubuyobozi bw’ishure bwa kaminuza buriko burategura ubundi buryo buzosubirira iyo myimenyerezo bahora bakorera mu gihugu c’Ubuganda buzotuma banonosora kurusha ivyo bize mu bisata vy’indimi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.